Umukuru w’igihugu c’Uburundi asaba abarundi bahunze guhunguka

0

Umukuru w’igihugu c’Uburundi Petero NKURUNZIZA asaba abarundi bose bahunze igihugu gutahuka kugira bafashanye n’abandi kwubaka igihugu.

Mw’ijambo yashikirije Uburundi buhimbaza imyaka 26 iheze abarundi bemeje amasezerano y’ubumwe bw’abarundi,umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA yavuze ibikorwa vy’iterambere no gukunda igihugu ari bimwe bikomeza ubumwe bw’abarundi.

Umukuru w’igihugu yamenyesheje ko hamwe abarundi boshira inguvu hamwe mu butanduakne bwabo ku neza y’igihugu n’abanyagihugu ata nkeka igihugu cotera imbere.

Umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA yasavye abasigaye mu gihugu kwakira neza abahunguka na cane cane bakabafasha mu bijanye n’ibikoresho, n’imibano kugira basubire neza mu miryang yabo.