Ni gake cane mu bihugu vyo muri Africa aho usanga umukuru w’igihugu ashobora kwicarana ndetse akanaganira nabo batavuga rumwe, k’Umukuru w’igihugu ca Kenya we siko bimeze kuko abandanya yerekana urukundo kubo batavuga rumwe.
Mu bisanzwe nimba m’ukurikirana ibibera muri Kenya, mwese murazi ko ” Raila Odinga ari umwe mu barwanya Leta ya Uhuru Kenyatta ariko igitangaje cane kumusi wejo niho Perezida wico gihugu yashitse guhoza umuryango wa Raila Odinga kuko yabuze umwana wiwe w’umuhungu ( Fidel Odinga ).
Iki kintu rero perezida wa Kenya aheruka gukora kikaba canezereje benshi cane, bamwe bakaba bemeza ko iyaba abategetsi benshi bogiye baraganira nabo batavuga rumwe ndetse bakigira kuri Uhuru Kenyatta ngo hari vyinshi vyo hinduka mu bihugu vyo muri Africa.
Recent Comments