UBM News ads
Monday, December 4, 2023
No menu items!
UBM News ads

Umukuru w’igihugu bisabwa asabe imbabazi abarundi bose kubera bino bintu vyihishije yakoze

*NI NDE MU BIHANGANGE BITATU(3) VYA POLITIKE URUKIZA RW’UBURUNDI RUZOVAKO?*

–(IGICE CA MBERE)

-Bamwe bati:”Ibara i Burundi ryaraguye”
-Abandi bati:”Ahari abagabo ntiharwa ibara”
None Uburundi nta bagabo bugifise?

-Ubwicanyi bwarabaye ntawobihakana,ariko ni bande bishe?
-Abishe barazwi,habuze uwuha inguvu ivyabona bize kubasura imbere y’ubutungane.
-Hoho ubwo butungane burikwije mu gufata ingingo?Ego cane,ahubwo n’uko bukiremerewe n’inzego zimwe zimwe zivuga ziti:
“Ruce tuguce umutwe.”
-None umuti ni uyuhe??

2

*ABAGABO BO GUHAGURUKA NI BANDE?

-Duciye ku masonga,ku bazi kahise k’imigwi yagwanya ubutegetsi,benshi bavuga ko baje gutuza intwaro zivangura amoko n’intara,intwaro z’umugabwe umwe ndetse n’ubwoko bumwe.

-Ico gihe abari ku rugamba baguma basemerera ngo amakungu abatahure intumbero yabo.

-Amakungu ahavura arabemera nk’imigwi ingwanya reta.

-Bigenze uko umukuru w’igihugu w’ico gihe Petero Buyoya aranana ko atoja mu biganiro n’imihari yica igasahura inzirakarengane.

-Yari mu gihugu kimwe c’iburaya,maze bamuzanira amasanamu y’intambara ya Ntega-Marangara(1988),bamwereka yicaye ku muryango w’indege ariko akoresha inkoho yarasa umuriro arasa abanyagihugu ba barundi bariko bahunga bagana mu Rwanda.

-Abonye ataco agihisha abona kwemera kwicarana n’abakuru biyo migwi.

-Bikavugwa ko incuro ya mbere(1) bahuriye mu gihugu ca Côte d’Ivoire, hitavye l’Honorable Hussein Radjabu na Jean Bosco Ndayikengurukiye,bashikira mw’ihoteri imwe na Buyoya,hageze ko baja mu biganiro,Radjabu na Jean Bosco burira imiduga yari igenewe Buyoya(n’ibigirankana)kuko we yari yasigaye inyuma yitunganya,yaratangaye cane bamubwiye ko uwitwa Hussein Radjabu ariwe yazuriye,biba ngombwa ko yurira izari zigenewe abagwanyi.
-Ashitse Radjabu aramwiyereka,umubwira ko ari nawe ashaka kuzomushengeza ku mabi yakoze mu gihe yibaza ko atawomuhangara.

-Pierre Buyoya benshi batazira Gustave(Ingona yambere nini kw’isi yaba mw’itanganyika,itafatwa,yarya n’abantu benshi),yatanguye kubona ko aronse umwansi adasanzwe atangura gutangiriza mu bihugu vyinshi kugira bamufatire Hussein Radjabu ariko biranka kuko nawe yarafise incuti zitari nke.

**CNDD-FDD ITASHE BUYOYA YAVYIFASHEMWO GUTE?

-Cndd-Fdd yaragize amasigise,mu kanya gato ikiva mw’ishamba ku migabo n’imigambi vyayo,ngira abatari bake muribuka Nkurunziza aramutswa ubushikiranganji bw’intwaro ibereye ko yatweretse intumbero nziza,

-Baribumvikanye ko batsinze bazobanza kwitaho ivy’ubutungane amabi yose n’abayakoze bakaja ahabona,amatungo ya reta yibwe akagaruzwa maze iterambere rikiyongera.

-Buyoya amaze kumva intumbero ya Cndd-Fdd akibuka n’iryo Radjabu yamubwiye arabona ko urwiwe rushitse,yiga umugambi wo kugabanya inguvu za Cndd-Fdd ahereye ku bihangange(Radjabu na Nkurunziza)kuko nibo baboneka imbere.

-Kuko yashaka yigize kure Radjabu,yaciye ku ncuti yiwe magara(Nkurunziza)amwereka ko igituma Radjabu yagaburiye abanyamugambwe bose wewe akaba umushingamateka asanzwe n’umukuru w’umugambwe ari ukubera ashaka aze amukure ku ngoma kuri manda ya 2.

-Amutoza imitwe yo kumwigizayo bamwishe,Nkurunziza abanza gusuha amusaba ko bomupfunga gusa,azovayo yoroshe.

-Mu nyuma abonye bitoroshe aremera ko yokwicwa,batuma Maregos mugabo navyo biranka.

-Ariko neza na neza Buyoya yashaka Radjabu amushire kure,maze ahere kuri Nkurunziza na rirya ariwe yamuciriye urwo gupfa kuri ya dosiye twababwira kuko yarazi neza ko Nkurunziza ataco yishoboje adafise Radjabu(Se wiwe wa poritike),hanyuma akazohereza kuri Radjabu.

-Nkurunziza yahavuye asinyira Buyoya ko atawuzomukurikirana,nawe bamureke agume ku ngoma abakingira.

-Ibisa n’ibimaze kubatekurukana kuva aho ibwirizwashingiro ryankiye ko barihindura.

**HUSSEIN RADJABU UMWANSI RUSANGI WA NKURUNZIZA NA BUYOYA YOBA YAROROSHE ATAGIKAKAZA AHO BAMUBITSE??

1

Ica tangaje benshi(Haba mu makungu eka naha iwacu) n’ubu kitaratahurika,ni ukuntu ico gihangange camaze imyaka irenga 10 ku rugamba coba yarafashwe kigapfungwa ntihagira n’uwutera ibuye mu bari bamushigikiye.

**NONE HABAYE IKI KUGIRA AFATWE MU MUTEKANO NTANGERE??

-Ababonye canke bumvise ivyabaye mu namashingamateka urya mwaka 2007 bise(Kigobe Fire=Umuriro wa Kigobe) igihugu carahatswe kugwa mu kaga,ariko niho hategurwa ifatwa rya l’Honorable Hussein Radjabu akuweko ubudahangagwa(immunité),
-Twabajije abari bamwegereye ico gihe batubwiye ko yagwanye intambara itoroshe yihaniza uwo wese yashaka kugira ico akoze ngo ntafatwe,akabizeza ko ari “INKINAMICO”ataco bizokwonona.

-Ahubwo bivugwa ko yaciye atangura gutanga ubuzi bwo kumubera ijisho n’ugutwi ku basigaye mu mabanga y’igihugu maze bakamumenyesha uko ibintu vyifashe mu gihugu.

***MW’IBOHERO(MPIMBA)YAVYITWAYEMWO GUTE?

-Bamaze Kumva ko yoba afise ivyuma vyo gutumatumanako amakuru,baramusatse kenshi gashoboka hakoreshejwe Colonel Nikiza David,ariko biranka kuko amakuru yayaronka imisi 2 imbere.

-Yoba yarashoboye kwigarurira igitigiri kinini c’abakora ku mpimba,ku buryo afise icubahiro kidasanzwe,
-Afise umwanya wiwe yisangije wo kwakira abantu bamugendera ku buryo iyo asohotse abajejwe umutekano bacanacanako kubera bazi uwo ariwe.
-Vyahavuye bihinduka ntiyaba akiri impfungwa,ahubwo yabaye nk’uwuri ku kazi ibohero rikaba ibiro yakiriramwo abantu eka n’abaje kumusaba impanuro n’ivyiyumviro.

***IPFUNGWA RYA RADJABU RYATUMYE AKOMERA CANE,NKURUNZIZA BIMUTERA KWICUZA.

-Nkurunziza amaze gutohoza icatumye ifatwa rya Radjabu ryoroha uko atavyibaza,yasanze Radjabu yamusumbije imitwe mu kumutega bamaneko impande zose.
-Ubu akaba ata kintu nakimwe kipfundikwa mu nzego za reta Radjabu ngo ntakimenye.Nkurunziza ashaka kubikosora(ahindura reta uko bukeye n’uko bwije)bimuta ku wamazi,ahubwo yasanga ahuhuye n’akahuha.

–Mu kwereka Nkurunziza ko atariwe amupfunze n’uko yari yamwankiye ko aja kuganduka ku muvyeyi wiwe(Mauwa Hassan) i Muyinga no kuramukanya n’abavukanyi,ariko itegeko rigahava rigasohoka hahagurutse abagabo.

Ishwabaduka ryabaye mu gihugu no hanze yaco yashaka amwereke ko abakunzi akibafise ku bwinshi kandi ko acubashwe.

-Nkurunziza bitangura kumutera akoba,na rirya bivugwa ko uwamufasha kurinda(Buyoya)batagicana uwaka.
-Nkurunziza yoba yaratumye intumwa zitari zike kugira icizere ca Se wa porike kigaruke.Yoba yaratumye Muhamed Rukara (muravyibuka aja kuraba abapfunzwe ku mpimba),inyuma yaho yoba yararungitse nyina amuvyara,aho hose ico Nkurunziza asabwa ni kimwe:

“Ugutumira amaradio n’imboneshakure,maze agasaba imbabazi abarundi muri rusangi ko yabahemukiye mu kudashitsa isezerano Cndd-Fdd yari yariyemeje vyose bikaba vyavuye ku kudakorera hamwe n’abo bari basangiye kurongora umugambwe,ahereye kuri Hussein Radjabu n’abandi yigije kure mu mugambwe.

-Gutyo abone guharirwa n’abo yahemukiye maze bamufashe kwikura mu bihe bigoye arimwo nk’uko vyahoze.
-Ku nkuru dukura mu begereye ibohero rya mpimba,zivuga ko mu misi iheze n’umutambukanyi wa Nkurunziza(Denise Nkurunziza) yoba yariyiziye ku mpimba aje gusuhuza uwatumye asubirana n’umugabo igihe bari bakiri ku rugamba.

-Ico bavuganye coba kikiri ibanga kumvo z’umutekano wa bamwe n’abandi,tukazokibamenyesha mu misi iri imbere.

***NONE RADJABU YOBA ASHAKA KWIHORA UWAMUTAYE MU MVUTO MU KUTAMUHARIRA???

-Ku makuru aheruka kudushikira avuga ko yoba yamaze gufata ingingo yo kurekurira uyo wese yoba yaragize uruhara mu vyashikiye iyo nararibonye ya poritike,bikaba biriko biratera n’impari ku bayoboke biwe kuko benshi bashaka azohane yihanukiriye abo bose bamugiriye nabi,maze nawe akishura avuga ko ari iragi yasigiwe n’umuhisi Nelson Mandela wa Afrika y’epfo kuko ari mu muhaye ijambo ry’ihumure umusi yinjira impimba.

***Kubera iyo ngingo yafashe,ubu akaba yoba amaze kuronka icizere kidasanzwe mu bihugu vyinshi vy’ibihangange kw’isi,abakuru bavyo bakaba baguma bamurungikira ubutumwa bwo kumukeza kuri uwo mutima w’ubutwari.

-Eka ngo naho aherereye ku mpimba akaba adahengeshanya kwa kira intumwa mva makungu cnk izaha iwacu kuko bamwitezeko vyinshi ku bushingantahe bamubonyeko.

-Bamwe bati uri “MANDELA w’Uburundi”,isoni n’ibimaramare bikaba vyarenze abazi ko boba baramuvuzeko amajambo mabi bazi ko agiye gupfa,none bakaba babona ko agiye gushika kure aho bukera agasohoka.

*****Inkuru ikaba izobandanya mu bindi bice………..

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments