
Mu kiganiro abaduserukira co kui uyu wa gatandatu kuri RPA Pacifique Nininahazwe yamenyesheje ko nkahamwe umukuru w’igihugu atohindura uwo mugambi wo kugomba kwitoza ubugira gatatu ngo azohava asanga n’abo yibaza ko bazomukurikira nk’igipolice n’igisota ata na kimwe kikimuri inyuma. Ivyo akaba yabivuze yisunzi uburorero bw’ibindi bihugu aho abakuru b’ibi bihugu baciye muri ivyo bibazo bisanze izo nguvu atazo bafise zafashije abanyagihugu gukoma induru.
Muri ico kiganiro nyene akaba yahavuye amenyesha ko umunezero ari wose kwumva ko ivyo bamaze igihe barwanira(ibibazo vy’abanyagihugu) hari abavyumva bakabishikiriza mu mugambwe CNDD FDD usanzwe uri ku butegetsi naho batabivugira ku mugaragaro. Ngo kuba hari umurwi w’aba CNDD FDD wubahuka ukandikira umukuru w’igihugu kuri ivyo bibazo ngo nta nkeka ibibazo bafise no muri CNDD FDD barabifise.
Twokwibukanya ko Pacifique nininahazwe ari mu biyemeje kurwanya ikiringo ca gatatu c’umukuru w’igihugu.
Recent Comments