Umukunzi wa Buja Fleva yashikirije ubutumwa budasanzwe igihangange Zoé Regis

0

ZOé Regis akaba ari umwe mu baririmvyi bakomakomeye mu Burundi kandi agakundwa n’ abantu ikirenga. Zoe Regis akaba yaramenyekaniye cane cane mu ndirimbo nka 2015 ntishike yakoranye na Mkombozi hamwe na SD le Pygme, akongera kandi avurwaho vyinshi kubera indirimbo yiwe y’ ise “Uburundi n’ igihugu s’ ikibuga” irangwamwo ivyiyumviro birashe.

Zoé Regis akaba aheruka gushira ahabona akaririmbo kiwe gashasha yise “Sirwanje”

1381702_609394942432956_1598786874_n

Umukunzi w’ Umuziki w’ Uburundi akaba aheruka gushikiriza ubutumwa igihangange Zoé ku ndirimbo yiwe nshasha aheruka gusohora aho yagize ati: “salama grand frère.. iki vraiment ntivyari gukunda ko ndacigumizamwo !!! ejo mère yarantanganj kabisa !yagize comment ku ndirimbo ryari irya mbere ndavyumvis agize comment iraho ku ndirimbo !!pour la 1ere fois dans ma vie naza numva mère avuze ngo iyi ndirimbo niyambere iryoshe (toutes styles de musique confondues ),arik arayumviriza aguma ajana na beat adundika (entre temps afise de 50ans!!)..kuri we “Sigwanje “ya Zoé Saint Régis niyo track ya mbere imuryohey kuva yakabaho ..man, raba ugum udukorera vyinshi kuk akazi kaw kararenze !! abana bato, abajeunes, abapapa n’abamama bose urabaryohera ..”