Umukozi w’ihinguriro OTB yapfiriye mu munyororo

0

Mw’ibohero rya Muramvya, havugwa amakuru y’umukozi w’ishirahamwe OTB rihingura icayi mu Burundi, yapfiriye muri ako gasho.Yvan NSANZERUGEZE yitavye Imana mw’ijoro ryo kuri uwu wa kane, ariko icamuhitanye kikaba kitaramenyekana.

Uwo Yvan NSANZERUGEZE yahora ari umunyabigega w’ihinguriro OTB (Office Burundais du Thé) ry’ i Tora mu ntara ya Bururi.

Abayobozi b’iryo bohero bavuga ko batazi icamwishe, bakavuga ko barindiriye ibipimo vy’umuganga wa Reta.

Nta minsi myinshi yari iheze uwundi munyororo yitavye Imana mu ntara ya Makamba, bikavugwa ko ubuyobozi bw’ibohero bwari bwamwimye uruhusha rw’ukuja kwivuza hanze y’ibohero.