Umukobwa wo muri Tanzania akomeje gutangaza abantu benshi cane nyuma yaho avugiye ko yaramaze imyaka igera kuri 14 muri FREEMASON.
Nkuko yavyivugiye mugikorane cabereye muri Tanzania ” ubwiwe yavuze ko haciye igihe ari muri Freemason batevye baramukata urutoki kugirango kibe ikimenyetso cerekana ko yiyunze nabo ” Devil horns ”
Ivyo rero vyose akaba yabivugiye imbere yabantu ibihumbi nibihumbi bo muri ”Kilimanjaro ” bari bitabiriye ico giterane cari kirongowe numu pastor yitwa Josephat Gwajima.
Uwo mukobwa wumu Islam yivugiye ubwiwe ko yabaye mukiyaga igihe cimyaka myishi ariko igitangaje cane nuko murico kiyaga ngo yahaherewe ubushobozi namajini kandi yongera arongorwa nijini ryaba murayo mazi, amaze kuvuga ivyo vyose aba Pastor bahise bamusengera bamwereka Imana kandi ako kanya yahise akizwa yakira Yesu Kristo kugirango amubere umukiza wibihe vyose azokwama amuyobora mubuzima bwiwe.
Inkuru yanditswe na Eric Nyandwi ” Sources : Umbea wa Mjini
Recent Comments