Thursday, September 21, 2023
No menu items!
HomeNewsUmukobwa yafashwe yivye isaha izinvye yayinyegeje mu gitsina ciwe !

Umukobwa yafashwe yivye isaha izinvye yayinyegeje mu gitsina ciwe !

Umukobwa akora akazi ko gukanda (massage) yagirizwa icaha co kwiba isaha y’agaciro kanini y’umutamakazi yaraje kwikandisha. Inyuma y’impari nyinshi hagati y’abo babiri, uwo mukobwa yahavuye yemera ko yayivye aca ayinyegeza mu gihimba c’irondoka ciwe.

article-2327473-19e4115c000005dc-147_634x424-708cd

Christina afise imyaka 25, akora mu nzu y’ingezi yitwa Wynn iri i Las Vegas hano muri Reta Zunzubumwe z’Amerika aho afise akazi ko gukanda (massage). Mu kwezi kwa Nzero guheze uno mwaka, yakiriye umutamakazi w’umutunzi w’imyaka 60, bumvikanako amukanda ku mafaranga y’amadorari 300. N’iko kumukura ivyo yambaye vyose harimwo isaha yo mu bwoko bwa Rolex ifise agaciro k’amafaranga 35.000 vy’amadorari (ashobora kungana n’amarundi 56.000.000).

Hageze ko wa mutamakazi yitahira, arondera ya saha arayihebura maze ayagiriza Christina. Uwo nawe yamirira kure ivyo yagirizwa. Abajejwe umutekano bakorera aho baje gusukamwo mabisi, bongera batangazwa n’ukuntu iyo saha yoba yazimiye kandi atawigeze asohoka muri ico cumba haba Christina canke uwo mutamakazi.

Inyuma yo guhakana icaha akanagiriza uwo mukecuru ko ashavujwe n’uko yanse ko bahuza ibitsina babisangiye, Christina yahavuye yemera ko ari we yayitwaye. Aca abwira abajejwe umutekano ko yayinyegeje mu gihimba ciwe c’irondoka. Ni ko kugenda kuyimukuramwo bitaboroheye.

Mu gihe Christina azorenguka kw’igenekerezo rya 15 Rusama, amakuru ava mu kinyamakuru Las Vegas Review Journal avugako ashobora gucirirwa umunyororo w’imyaka 20. Uwumuburanira nawe abonako Christina yahohotewe n’abajejwe umutekano mu gihe bariko bamukora mu gihimba c’irondoka bamukuramwo iyo saha.

RELATED ARTICLES
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments