Ishirahamwe Miss Burundi Ikirezi rije kunagura ihiganwa ryo gutora umwigeme wa mbere mwiza kandi aciye ubwenge. Itorwa rya Miss Burundi ry’umwaka w’2014 rizovamwo uwuzoba Miss Burundi 2015, riratandukanye n’uko vyahora bikorwa mu myaka iheze. Iyandikwa ryararangiye naho igitigiri cipfuzwa kitari bwashike.
Hari haheze imyaka 2 ihiganwa Miss Burundi ritabaye, iyo mpamvu yatumye ishirahamwe Miss Burundi Ikirezi risaba ko ryotuganya iryo higanwa rigatako rikavyemererwa. Itunganwa ry’ihiganwa Miss Burundi 2015 riratandukanye n’uko ryahora rikorwa mu myaka iheze. Valery Muco arongoye iryo shirahamwe avuga ko bakuyemwo cane cane ibijanye n’ubwoko canke intara kuko biciye kubiri n’uko ayandi mahiganwa ndangakaranga canke y’inkino ategurwa mu Burundi. Valery Muco atanga akarorero ko no mu murwi nserukira gihugu w’umupira canke mu yandi mahiganwa bataraba ubwoko canke intara.
Miss Melodie Mbonayo yatowe Miss Burundi 2012
Nk’uko bivugagwa na Valery, kuba rero haheze imyaka ibiri ihiganwa “Miss Burundi” ritabaye mu Burundi n’uruhombo runini kuko Miss Burundi yamye aboneka nk’uwuserukana no mu makungu ishusho nziza y’Uburundi, bigatuma kandi igihugu kiba nyabagendwa.
Kwiyandikisha mw’ihiganwa rya Miss Burundi 2015 ritegurwa n’ishirahamwe “Miss Burundi Ikirezi” ryatanguye kw’igenekerezo rya 10 Munyonyo, ryarangiye kw’igenekerezo rya 15 Munyonyo 2014. Ibirori nyezina vyo gutora uwo mwigeme bizoba ari kw’igenekerezo rya 20 Kigarama, bizohuza abigeme 10 bazoba bashitse mu gice ca nyuma c’ihiganwa.
Mwomenya ko Ishirahamwe Miss Burundi Ikirezi ryuguruye imiryango ku mwigeme wese w’umurundi yashaka kwiyandikisha, yasabwa kuba afise hagati y’imyaka 18 na 24, afise uburebure bungana imetero 1 na centimetero 70 (1,70m). Ikindi n’uko yoba yibona ubwiza, akaba aciye ubwenge, agororotse kandi yiyubaha.
Mwomenya kandi ko ihiganwa rya Miss Burundi ryaheruka muri Kigarama 2011 aho hatorwa Melodie Mbonayo nka Miss Burundi 2012. Ihiganwa rya mbere ryabaye mu mwaka w’2009. Uwuzotorwa uno mwaka azokwambikwa urugori rwa Miss Burundi 2015
Recent Comments