Umukinyi w’amareresi Cheche agiye kwubaka ugwiwe mugihe ariho yaragiheza amashure yisumbuye.

0

Umukinyi w’amareresi Rachel Nisubire benshi bazi nka Cheche agiye kwubaka ugwiwe mugihe ariho yaragiheza amashure yisumbuye,benshi baribaza icoba catumye uyo mukinyi aja kwubaka ugwiwe mugihe yarakiri na muto mu myaka,uyo mukinyi rero asanzwe akina mu mugwi ISANAMU mu nzu y’ubuhinga ICOM PRO.
tatiana
cHECHE aramaze kumenyekana cane kuva aho atwariye agashimwe kumukinyi mwiza w’amareresi mw’ihiganwa FESTICAB ry’umwaka wa 2014mw’ireresi AMOSOZI ya Aime Hatungimana,akaba amaze gukina mu yandi mareresi yamenyekanye cane nk’ireresi TATIANA ya Thierry Tyno Ndikuriyo ari nawe asanzwe akinamwo mwomenya kandi ko Rachel Nisubire amaze kuronderwa naba Producteur batandukanye kugira bamukinishe kuko bamaze kubona impano afise muruyo mwuga wiwe.
cheche

Tumwifurije urubanza rwiza.