Umukinyi Arakaza Mac Arthur abandanya akora bigashimwa mu gihugu c’uburundi

0

Arakaza Mac Arthur n’umwe mu bakinyi babanyezamu, akaba muri kino gihe akinira umugwi wa Vitalo hamwe n’umugwi nserukira gihugu w’uburundi(Intamba mu rugamba).

arthur

Mu nyuma yaho atahukaniye ibikombe 2(Coupe du president,Super coupe)  mu mugwi wa Lydia Ludic Burundi Sport 4 Africa,n’igikombe ca Championnat mu mugwi wa Flambeau de l’Est,Arakaza Mac Arthur ubu naho aherutse gutahukana mu mugwi wiwe mushasha ariwo Vitalo ibikombe vyose 3(Primus League,Coupe du President,Super Coupe).

Ku mateka uyo mukinyi abandanya yandikisha hari imigwi myinshi ibandanya imurondera,ariko akaba avugako bigoye kuja muwundi mugwi kuko umugwi wiwe wa Vitalo ukimukeneye cane narirya uyo mugwi uzoserukira igihugu c’uburundi mu mahiganwa yimirije.