Umukenyerarugamba yahunze Uburundi kubera gutinya kwicwa

0

Umukenyerarugamba Kanyange Genevieve asanzwe arongoye abakenyezi bahurikiye muri CNDD FDD nawe yahunze inyuma y’umushingamateka Aimee Nkurunziza yahunze avuga ko agiye atinya kugandagurwa, na Kanyange Genevieve akaba yabisubiyemwo aho amenyesha ko yanatinye kwifatanya n’abasanzwe bariko bategura ibintu bibi.

Genevieve amenyesha ko yahunze kubera yaranamaze imisi aturatura kubera gutinya kugirirwa nabi, akamenyesha ko abagenzi biwe basanzwe bakiri muri CNDD FDD bagumye bamuburira ibiriko birategurwa kuri we, akaba ahorwa ko adashigikiye ikiringo ca gatatu c’Umukuru w’igihugu.

1382108_747105152026181_3208838133184363337_n (1)

Mu kiganiro yatanze yamenyeheje ko uko biri I Bujumbura bishobora guhinduka umwanya n’umwanya bikaba bizosumba uko biri muri kino gihe. Agatanga uburorero aho avuga ko ata batware bagishobora gutanga amategeko.

Yongeye anamenyesha ko naho umugambwe CNDD FDD uvuga kandi ukigisha  Democatie, ngo mu mugambwe Indani ntayiriyo kuko n’abariyo batakironka uko bavuga kukubera gutinya ko bokorerwa amahano, ng’uwugize Imana akaronka aho avugira arabivuga.

Uwo mukenyerarugamba yamenyesheje  kandi ko hari n’abatacemererwa gusohoka igihugu kugutinya ko amakungu yobona ko hari ikitagenda neza(Mwibuke ko twababwiye abantu batanu batemerewe gusohoka igihugu).