Umuhuza mu bibazo vy’abarundi yoba agiye kugaruka

0

Inyuma y’ibimenyetso simusiga ko hari ingwano ishobora kwaduka nkuko bamwe bamwe babishikiriza, umushikiranganji wo kwivuna abansi w’igihugu c’ubugande ari nawe muhuza w’uburundi ngo yoba agira asubire kurungikwa mu Burundi.
ministre-Ougandais
Ku ruhande rwa Leta ya Bujumbura ngo bamye biteguriye igihe close ugusubira gutangura kw’ivuo biganiro nkuko Ambassador Alain Aimee Nyamitwe yabishikirije. Ariko ngo naho bamuha ikaze ngo ubu ikibazo carahinduye isura kuko hari bamwe mu batavuga rumwe n’ubutegetsi bamaze gusasa muri leta nshasha.

Ivyo bikaba bishikirijwe inyima y’ikiganiro PR. YOWERI Museveni yagiranye n’umunyamabanga mukuru wa ONU hamwe n’uwurongoye ubumwe bwa Afrika bagiranye.

Mwokwibuka ko ibiganiro vyahagaze imbere yuko amatora y’umukuru w’igihugu aba eka mbere inyuma y’imisi mikeya ibiganiro bitanguye, bakaba bari bageze ku kibazo c’ikirangamisi gishasha c’amatora.