Kubera ubukene, Umugwi w’URUNANI wasivye ihiganwa rya ZONE 5

0

Ubukene buratanguye kwibonekeza mu Gihugu c’Uburundi ikivyerekana naco sikindi umugwi w’URUNANI wasivye inkino za ZONE 5, nkuko twashoboye kuyaga n’Umumenyereza wumugwi w’Urunani ariwe Aaron KAGABO yatumenyesheje y’uko urugendo rwabo rwari kuba unomunsi mugitondo ariko ntivyabaye bigikunda kuko baciye babamenyesha yuko urugendo rw’Umugwi w’Urunani utakibaye  kumvo zuburyo “Ikigega ca SPORT” ko kitifashe neza.

8

Aaron KAGABO akaba yatumenyesheje yuko kubona basivye iryo higanywa rya ZONE 5 ari agahombo kanini ku Burundi ngo kuko Urunani rusanze ruvyifatamwo neza haba hano mugihugu c’Uburundi canke mu makungu.

Tworangiza tubamenyesha yuko Umugwi w’URUNANI ariwo watahukanye ihiganywa rya ZONE 5 ry’umwaka uheruka kandi nuko URUNANI ariryo rwatahukanye ihiganywa rya BASKETBALL mu Burundi uyu mwaka.