Umugwi Wo Gutohoza Agateka Ka Zina Muntu Wasohoye Icegeranyo Ca Kabiri Ku Burundi.

0

Uwo mugwi ujejwe gutohoza uko agateka ka zina muntu kifashe mu Burundi washikirije icegeranyo cawo Umugwi Ujejwe agateka ka Zina muntu mwisi( Human Rights Council). Ico Cegeranyo kikaba kivuga ivyerekeye amabi abandanya akorwa mu Burundi.

Umugwi washizweho ku gutohoza uko agateka ka zina muntu mu Burundi uragiriza intwaro y’I Bujumbura. “Ibihe vy’ubwoba budasanzwe kandi bukwiragiye hose”, nivyo uwo mugwi watororokanije maze urashira ahabona. Mu gihe c’inama idasnzwe ya 35, uyo mugwi warashikirije raporo yo ku munwa, ariko iyi yoyo ikaba ari iya kabiri ishikirijwe Human Rights Council, kuko iya mbere yari yashikirijwe mu kwezi kwa gatatu.

Umuhagarikizi w’uwo mugwi, Fatsah Ouguergouz, aravuga ivyerekeye ubwoba hamwe no gutotezwa. Aravuga kandi ibihe aho abantu bagira ubwoba bwo kuvuga ivyo bazi ku gutinya gukurikiranwa,hamwe na barya batinya guhunguka naho Leta yama yateye akamo ko botaha. Fatsah Ouguergouz avuga ati: “ Ukudabuka hamwe no guhungabanya agateka ka zina muntu ku rwego rwo hejuru mu Burundi kuva muri Ndamukiza 2015 vyaragiye ahabona”.

Amabi avugwa muri ico cegeranyo arateye ubwoba nayo akaba ari aya: “Gusinzikaza ubuzima bw’abantu hakoreshejwe ubuhiri, iminwa ya Pistolets, bayonnetes, ivyuma,iminyororo y’ivyuma hamwe nintsinga zirimwo umuyagankuba, gushika naho bamwe mu basinzikarizwa ubuzima ‘amagufa yabo yavunywe, abandi bagata ubwenge;abandi baracumitwa inshinge canke ibindi bikoresho bitazwi bikgaterwa mu mibiri yabo, abandi barazurwa inzara, abandi baraturirwa, hama abandi barasinzikarizwa ubuzima ku bihimba vy’irondoka na cane cane abagabo” . Fatsah Ouguergouz arabandanya avuga ko kenshi ‘abahohoterwa batukwa cane kandi bagaterwa ubwoba ko bashobora kwicwa, harimwo bamwe batukwa kubera ubwoko bwabo’.

Fatsah Ouguergouz

Kubera kubura uko binjira mu Burundi, uyo mugwi ujejwe gutohoza uko agateka ka zina muntu kifashe waratembereye cane mu bihugu vyo mu karere. Benshi mu Barundi bahunze barabajijwe ibibazo. Vyose hamwe, hakaba hegeranijwe ivyagiriji bishika ku 470 vyerekeye uguhonyanga agateka ka zina muntu kuva muri Ndamukiza 2015.Ico cegeranyo kiravuga kandi ko kuva mu mwaka wa 2016, ukwo guhonyanga agateka ka zina muntu kukaba kwagiye kurakorwa mu buryo bwinyegeje ariko bukabije cane.

Uyo mugwi uravuga kandi ko ayo mabi yose yagiye arakorwa n’abari mw’igendereza ry’Uburundi hamwe no mu gipolisi, rimwe na rimwe bafashijwe n’urwaruka rwo mu mugambwe uri ku butegetsi imbonerakure.Uyo mugwi ukaba waragarutse ku ma video yakwiragiye cane ku mbuga ngurukana bumenyi avuga uko imbonerakure zigisha urwanko ku bo batavuga rumwe.

Uwo mugwi warashize ahabona ko benshi mu bahura nako gatotezo ari kenshi abatavuga rumwe n’Ubutegetsi buhari, harimwo n’abanywanyi b’umugambwe FNL hamwe nabanywanyi ba MSD. Barahohoterwa hatarabwe ubwoko bwabo, nkuko ico cegeranyo kibivuga.

Leta y’Uburundi ikaba ihakana ivyo vyose yagirizwa ko birimwo amakosa kandi ko bifise intumbero ya politike.Leta y’i Bujumbura ikaba ibona ko ivyo vyegeranyo ku Burundi bigamije kwambika ibara abategetsi b’Uburundi bo ku rwego rwo hejuru.