Umugwi OVER DO TEAM waratanze UMURIYONI w’amarundi kumu Rappeur yiyemera ko yobatsinda muri RAP.

0

Umugwi OVER DO TEAM uhurikiyemwo imisore 4 Snow Cay,Stikk,NT hamwe na Driver uheruka gutanga amafaranga angana umuriyoni w’amarundi kumu Rappeur yiyumva kuri Rap ko yotsinda uyo mugwi hama bakaja w’ihiganwa nawe akazana umuriyoni w’amarundi uwurusha uwundi agaheza agatahana imiriyoni zibiri z’amarundi.
over do1
Kuva uyo mugwi utanze iryo tangazo ntamu rappeur numwe arazana ayo mahera ivyo mu mugwi OVER DO TEAM bakabona ko babatinye kuko bobo bavuga ko aribo ba Rappeur bakomeye kandi basanzwe bafise abakunzi benshi hano mu gihugu c’uburundi.
stikk
Twobamenyesha ko ihiganwa rikibandanya,umugwi OVER DO TEAM ukirindiriye umu rappeur yozana ayo mahera kugira baje mw’ihiganwa.