Hari ibihimba bimwe bimwe vy’umubiri canke ibimenyetso umuntu agira bigatuma aba igicibwa mu bantu na cane cane aho abaye . uyu mugore wi myaka mirongo ibiri n’itatu afise ubwanwa butangaje. Kuva mwaka yiwe yo murugero yagiye ahura n’ingorane zitari nke aho wasanga yinubwa mu bantu kuburyo hari abamubwira ko no kumwica bomwica kubera yafatwa nkukivumwe nawe nyene yaragerageje kwiyahura kuko bidatahuritse umwigeme canke umugore afise ubwanwa.
Uwo mugore yitwa Harnaam Kaur w’umwongerezakazi ubu abibona nkibisanzwe kandi aranezewe nuko yaremwe kuko atanyegeza ubwo bwanwa biwe kandi yumva ari umuntu nkabandi ntakigenda afise ukuboko kumunwa nkuko yabikora kera kuko n’idini arimwe sikh, kumwesha umushatsi ,ingohe canke ubwanwa bitemewe ubu yafashe intumbero yo kumva ko iyo ngwara yiwe atari ikibazo kandi yiha intumbero yo gufasha abandi boba bafise iyo ngorane yo kwemerwa mu kibano bivanye nuko baremwe .Nimurabe aya mafoto yiwe
Recent Comments