Umugore wa Sat-b agiye kwitwarira ikinyamakuru ikirere.com

0

Umutambukanyi w’umurundi ariko muri kino gihe abarizwa mu gihugu c’urwanda Sat-b ariwe Nelly sat agiye kwitwarira ikinyamakuru ikirere.com,ikinyamakuru kijejwe guteza umuziki w’uburundi imbere, nkuko yashoboye kubimenyesha.

nelly sat

Nizihe mpamvu zigiye gutuma Nelly sat yitwarira ikinyamakuru ikirere.com?

Impamvu zigiye gutuma Nelly sat yitwarira ikinyamakuru ikirere.com ngo nuko ico kinyamakuru cashoboye kwandika inkuru itariyo,inkuru kitatohoje neza,inkuru ivugako Sat-b atacerekwa umutambukanyi wiwe, ko Sat-b yamutaye yigira mu Rwanda amusigiye umwana n’inda.

Abicishije ku rubuga rwiwe rwa Facebook,umutambukanyi wa Sat-b akaba yabeshuje iyo nkuru atako anavuga ko ejo aho bukera ko azindukira muri sentare kwitwarira ico kinyamakuru ikirere.com
Nelly sat akaba yatumiriye abakunzi ba sat-b nabiwe ko bomuherekeza ejo mu gatondo bakaja kwitwarira ico kinyamakuru