Umugambwe SAHWANYA-FRODEBU umenyesha ko uzokwitaba ibiganiro i Arusha

0

Umugambwe SAHWANYA FRODEBU umenyesha ko witeguye kwitaba ibiganiro vyatumweko n’umuhuza Benjamin Mkapa kw’igenekerezo rya 16 gushika kw’igenekerezo rya 18 Ruhuhuma,umwaka wa 2017,i Arusha mu gihugu ca Tanzaniya.

Ubicishije ku murongo wa Twitter wawo, umugambwe FRODEBU wamenyesheje ko inyuma y’umubonano wahuje abanyamugambwe kw’igenekerezo rya 4 Ruhuhuma umwaka wa 2017,bemeye kwitaba ibiganiro,bihuza abarundi bihagarikiwe n’umuhuza William Benjamin Mkapa yahoze arongoye igihugu ca Tanzaniya.

Itangazo rimenyesha isango n’ikibanza ivyo biganiro bizoberamwo ryasohowe n’umuhanuzi mu biro vy’umuhuza Macocha Tembele,aho yamenyesheje ko ibiganiro bitegekanijwe kuva kw’igenekerezo rya 16 gushika kurya 18 Ruhuhuma,umwaka wa 2017.

Umugambwe SAHWANYA FRODEBU ukaba waheruka kandi kwitaba ibiganiro vyo guhanahana ivyiyumviro ku bintu nyamukuru vyoganirwako,hari kw’igenekerezo rya 16 na 17 Nzero umwaka wa 2017.