Nestor Girukwisahaka arongoye umugambwe CNL avuga ko umugambwe arongoye wakumiriwe cane mw’ishirwaho ry’abagize imirwi itunganya amatora mu ntara kandi ari umugambwe ukomeye mu gihugu.Ibi abishikirije inyuma yahoo umurwi CENI ushiriyeho abagize imirwi y’amatora mu ntara CEPI

Umukuru w’umugambwe CNL Nestor Girukwishaka amenyesha ko abagize imirwi y’amatora mu ntara biganziwe n’abakomoka mu mugambwe CNDD-FDD mu gihe abakomoka mu yindi migambwe bakumiriwe cane.aho atanga akarorero kumugambwe CNL warose abantu 5 gusa kuri 52 bagize imirwi CEPI mu ntara.
Nestor Girukwishaka avuga ko umugambwe CNL ufise igihagararo mu gihugu aho mbere no muma komine yose agize igihugu ufise abawuserukira,Eka mbere no mu nama nshingamateka avuga ko ufise abashingamateka 32 kuri 122.kubwi abona ko n’iburiburi umugambwe CNL warukiye kuronka abagize CEPI bashika kuri 14 canke 15 kandi bagashirwa mu mabiro.
Kuva umurwi ujejwe gutunganya amatora CENI ushizeho abajejwe amatora mu ntara,abanyepolitike batari bake baraneguye ukuntu iyo mirwi yashizweho ko habaye ikumirwa ry’iyindi migambwe.
Nko mu mugambwe AND intagoheka,Gaspard kobako avuga ko umugambwe CNDD-FDD ufise ibice 50% mu bagize umurwi CEPI yo mu ntara,akabona ko umugambwe CNDD-FDD uza wamaze kuronka ibice 50% mu matora yimirije ariko bakagira icizere ko mu mirwi itunganya amatora mu makomine CECI umurwi CENI uzogerageza gukuraho izo ntambanyi zose mugushiraho imirwi yose igaserukirwa.
Muri sahwanya Frodebu hoho bavug ako habaye ikumirwa rikomeye,Phenias Nigaba avugira umugambwe SAHWANYA Frodebu avuga ko umugambwe arongoye warose umuntu umwe gusa mubagize imirwi ya CEPI mu ntara.IKINDI AVUGA NUKO Ishengero katolika naryo ryakumiriwe kandi ryahora rifasha mu matora.
Phenias Nigaba asaba umurwi w’igihugu ujejwe Gutegura amatora amatora CENI gutunganya amatora meza kuko amatora Atari ayo umugambwe umwe gusa ahubwo ari ayo abarundi bose maze ugashira ineza y’abarundi bose imbere.





Recent Comments