Umugambwe CNDD-FDD ntushigikiye itumirwa ry’imigambwe itemewe n’amategeko mu Burundi i Arusha

0

Umugambwe CNDD-FDD umenyesha ko uko umuhuza yatumiye abitaba ibiganiro bihonyanga ingingo za 2248 na 2279 z’inama y’ishirahamwe mpuzamakungu ONU ijejwe amahoro n’umutekano.

Mw’itangazo umugambwe CNDD-FDD wasohoye kuri uno wa kane igenekerezo rya 16 Ruhuhuma,umwaka wa 2017, uwo mugambwe umenyesha ko udashobora gushigikira ukudahana mu Burundi biciye mu gutumira abanyapolitike baronderwa n’ubutungane mu biganiro.

Muri iryo tangazo ryateweko umukono n’umunyamabanga ajejwe kumenyesha amakuru Nancy Ninette MUTONI,uwo mugambwe umenyesha ko utemera ubutumire bwahawe abarongozi b’imigambwe itemewe n’amategeko y’Uburundi, kuko bisa no gushigikira itembagazwa ry’ubutegetsi.

Umugambwe CNDD-FDD uhamagarira abanyepolitike n’abarundi bose bahuze ataco bagirizwa n’ubutungane , gutahuka kugira bafashanye n’abandi kwubaka igihugu, kandi bitegurire amatora yo mu mwaka wa 2020.

Umugambwe CNDD-FDD urangiza iryo tangazo umenyesha ko ushigikiye ingendo y’ibiganiro,kuko ariyo nzira yonyene ituma haboneka inyishu zumvikanyweko, zubaka kandi zirama.