UBM News ads

Umugambwe CNDD-FDD nta banywanyi ugifise kiretse iterabwoba gusa-Aime Magera

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Aimé Magera arongoye umugambwe CNL iShami rya Rwasa Agathon mu bihugu vya bulayi aremeza ko umugambwe CNDD-FDD ata banywanyi ugifise kurubuga atari gukoresha iterabwoba gusa no gukubagura abayoboka agathon Rwasa.

Aimé Magera asaba abarundi gushira ubwoba bafatane mu nda kuko bitebe bitebuke Leta n’abarongoye umugambwe CNDD-Fdd bazoshirwa imbere y’ubutungane bakabazwa amabi bari gukorera abarundi bose cane cane abanywanyi b’umugambwe CNL.

Inyuma yaho hamaze imisi hibonekeza uruhigi mu mihingo atandukanya y’igihugu rukorwa n’urwaruka rw’imbonerakure rwegukira umugambwe CNDD-FDD uri kubitegetsi,Umwe mu ndongozi z’umugambwe CNl ku mugabane wa Bulayi Aimé Magera asaba abarundi bose gufatana mu nda kuko bitebe bitebuke Leta hamwe n’umugambwe CNDD-FDD bazobazwa amabi bari gukorera abarundi.

Aime Magera yemeza ko umugambwe CNDD-FDD wamye urangwa n’ugukoresha iterabwoba gusa no gukubagura abanywi b’umugambwe Cnl kugira ugume kubutegetsi ariko ko abarundi bose boshira ubwoba kuko Evariste Ndayishimiye n’akarwi kiwe ka gisirikare hazogera igihe bagashirwa imbere y’ubutungane.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments