Umugambi wo kugandagura Agathon Rwasa ugeze kure, menya vyinshi

0

Umukuru w’umugambwe FNL itemewe na Bujumbura Agathon Rwasa ngo umugambiwo kumugandagura ugeze kure cane gose, ivyo bikaba vyashikirijwe n’umuvugizi w’uwo mugambwe ariwe Aime Magera aho yabiyagira ikinyamakuru Igihe ishami ry’Uburundi.

7272430-11177461

Uwo muvugizi w’umugambwe FNL utemewe n’ubutegetsi yamenyesheje ko hari urwaruka rw’Imbonerakure ruri mw’ihoteri iri i Kiriri aho rwahawe igikorwa co kugandagura uwo mukuru w’umugambwe FNl, iyo hoteri ikaba yitwa Vaya.

Mwokwibuka ko haheruka gushaka kugandagura umutambukanyi wa Rwasa Agathon Imana irakinga aho bamusanze aho ariko akoreshereza umushtsi muri quartier Asiatique. Agathon akaba yari yagirije ibiro vy’igendereza hamwe n’Ubutegetsi.