Umugabo yahohotewe atako aranafungwa azira kwigina urupfu rwa Adolphe Nshimirimana

0

Umugabo yitwa Josué Niyongabo ava ku musozi Gasenga, zone Gatwe wo muri komine Kayogoro intara ya Makamba niwe yahohotewe ubuzima kuruyu wa kabiri n’imisoresore y’imbonerakure ya CNDD-FDD aca ashikirizwa igipolisi.

Aho afungiwe mu gasho k’ibiro vy’abajejwe umutekano I Makamba, avuga ko ubuzima bwiwe butifashe neza nagato.

Iyo misoresore y’imbonerakure imwagiriza ko y’iginye inkuru y’igandagurwa rya Géneral Adolphe Nshimirimana ryabaye kuruyu wa mungu ushize.

Ishirahamwe ry’itaho agateka ka zina muntu I Makamba Ligue ITEKA ryasavye yuko uyo mugabo yorekurwa akaja kwivuza naho gushika ubu ico gikorwa kitarakorwa.