Umugabo wa mbere muremure kw’isi yaraye ahuye n’uwo twokwita igihushane ciwe, uwo nawe n’umugambo wa mbere mu gufi kw’isi. Bahujwe n’agashimwe ka Guinness Record gahabwa abantu bafise ibintu bitangaje bisangije.
Ku ncuro y’icumi igitabo”Guiness Record” caraye gitanze ubushimwe, ibirori vyabereye mu gisagara ca Londres imbere yahakorera inama nshingamateka. Ubushimwe bwahawe Sultan Kösen ava mu gihugu ca Turkiya afise uburebure bwa metero 2,51, uwo yahuye na Chandra Bahadur Dangi wo mu gihugu ca Nepal afise uburebure bungana na centimetero 54,6.
Chandra Bahadur Dangi w’imyaka 72 y’amavuka, yitavye ibirori yambaye impuzu ndangakaranga, yavuze ati :”Numva ndyohewe no kubona umuntu wa mbere muremure kw’isi, emwe turi ibihushane”.
Sultan Kösen w’imyaka 32, nawe ati :”Erega nkimubona nibajije aho ahava angera ku maguru !”. Kösen rero arafise ingorane mu magara yiwe ziterwa n’ubwo burebure ariko chandra Bahadur Dangi wewe ntangorane afise zitewe n’ubugufi bwiwe burenze”.
Kösen avuga ko afise ingorane mu mavi bituma adashobora kumara umwanya munini ahagaze. Gukura cane birenze kwa Sultan Kösen kwoba kwavuye ku kivyimba yagize ku gahimbako mu bwonko kitwa hypophyse.
Mu mwaka w’i 2010, baramubagiye i Virginie muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika, ico gihe baramuhaye imiti yofasha gucungera uko gukura. Mu mwaka w’i 2012, yafatwa nk’uwakize kandi birashoboka ko atazosubira kurenga aho. Ariko yaciye ategekwa kugendera ku bibando bita “béquilles”.
Sources : Igihe Burundi
Recent Comments