Umucamanza Mukuru Wa Amerika Ari Mu Yabira, Asabwa Gutanga Imihoho

0

Mucamanza mukuru wa Amerika Jeff Sessions yatwawe nakosho maze ejo kuwa kane kumugoroba yatangaje ko ata yandi matohoza akeneye kuzobandanya akorwako ku vyerekeye imigenderanire yoba yaragiraniye n’Uburusiya imbere yuko atorwa na Donald Trump.

Ariko Aba Democrates bobo bariko bamusaba ko yotanga imihoho kuko vyagaragaye ko yabonanaye n’uwuserukira Uburusiya mu mwaka uheze igihe Donlad Trump yariko ariyamamaza kugira abe umukuru w’igihugu.

Ibirego vy’uko abegereye Trump boba baragiranye imigenderanire n’Uburusiya vyaratosekaje intwaro ya Trump.

Jeff Sessions, Umucamanza Mukuru wa Amerika, ari mu yabira

Jeff sessions yavuze ejo ku wa kane itariki 02/03/2017 ko’ yikuye mu matohoza yose ariko aba canke nayimirije kuba ku vyerekeye we mu bijanye nukwiyamamaza kwa Donald Trump’. Rero Sessions akaba ahakana ivyo yagirizwa.

Ariko vyaragaragaye ko Sessions yabonanye n’Uwuserukira Uburusiya Sergei Kisliyak mu kwezi kw’icenda 2016 mu nama Rukokoma y’Aba Republicains.

Ivyo vyose bikaba biri uko kubera inzego ziperereza za Amerika zagirije Uburusiya ko zisutse mu matora ya Amerika ko mbere bafashije cane kugira Donald Trump atorwe.

Sessions rero akaba ari muyabira, kandi ashobora gutanga imihoho nkuko Michael Flynn aheruka kubikora.