UBM News ads
Monday, October 2, 2023
No menu items!
UBM News ads

Umu Star Big Fizzo ntanumwe amupinza mu Burundi ” ibi nivyo bintu eheruka gukorera mu gitamo kidasanzwe aheruka gukora.

UBM News ads

Umuririmvyi w’i Burundi,yavukiye mu Bwiza mugisagara ca Bujumbura , MUGANI Desire batazira Big Fizzo aguma aserukira neza igihugu ciwe mumakungu.
Inyuma y’ibiteramo yakoreye mugihugu c’Urwanda , i Bujumbura ahantu hatandukanye,igiteramo canyuma nkuko muvyibuka akaba yagikoreye kuri EFI Nyakabiga arikumwe na Redio & Weasle, Jaguar hamwe n’abaririmvyi bagenziwe bomu Burundi , Fizzo yasubiye iburaya aciye kukibuga c’indege c’i Kigali mu Rwanda ,akaba yashikiye mugiteramo muri Suisse,ubu buheruka naho akaba yaragize igiteramo gikomeye cane mugisagara ca Antwerp .

Uku niko yari yambaye Fizzo Burundiano.

Abantu batari bake bishikiye muricogiteramo batumenyesheje yuko Fizzo amaze kugera murindi rwego , bakaba babuze n’ipete bomuha kubikorwa vyiza vyokuguma aduza ibendera ry’igihugu . Icogiteramo kikaba categuwe n’umurwizatunga akomeye asanzwe aba mugihugu ca Holland KIYOYO Juma yafashije benshi mugihugu.

Mwomenya kandi yuko mukiganiro “Couleurs tropicales ” ca Claudy Siar womuri RFI ,yari isaha 4 n’iminota 5 cokumusi wambere ( Lundi ) mw’ijoro , indirimbo ya Fizzo yitwa ‘Bajou ” yarasamiranye , aho yamuvuzeko vyiza , amuhayagiza avuga yuko ari umuririmvyi ashoboye kandi akwiye promotion ikomeye kugira abandanye amenyekana kurusha . Yavuze ati :” C’est un burundais ,ex rappeur , il habite Toulouse mais sa voix porte jusqu’a a son pays natal , le Burundi . ” aca yongerako ati :” De Bujumbura a Kirundo en passant par Gitanga ecoute ca!!! Bajou ica irasamirana…” Mwomenyako yayivugije yose kuko yari igice ca mbere c’ikiganiro , avuza indirimbo hagati ya 6 n’ 8 hama igice cakabiri agaca yakira abatumire .

Ivyo bikaba bitumwa n’ukuntu umuririmvyi yitanga mubiteramo mpuzamakungu nkivyo aherutse gukora muri Suisse nomububirigi mugisagara ca Antwerp ,ibi nivyo Dj Chento yanditse inyuma y’igiteramo :

Dj Chento niwe yashuhije ikirori.

” A fat thank you to all the attendees last Saturday in Antwerp. I guess Big Fizzo and I made the show a blast. Thanks to you all for the great and positive comments on our performance and your support was incredible. Fizzo and I have lots of plans ahead and we shall entertain fans more and more to our level best worldwide. More pictures for the show to be loaded soon, just waiting for the camera man to get them ready with a lil video clip probably.” , Fizzo nawe yanditse ati :”Nashaka just nshimire aba fans bose baje mugiteramo canje… c’était beau, c’était bien, vyose vyari biryoshe grâce à vous. Merciiiiiiiiii”.

Sources : Afrifame

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments