UBM News ads
Tuesday, December 5, 2023
No menu items!
UBM News ads

Ukuri kwari kwinyegeje kujanye na Petero Nkurunziza hamwe na Petero Buyoya kwagiye ahabona ” soma hano umenye ukuri.

ABADASIGANA BASIGANWA NA NKURUNZIZA*

-Kuva aho ubugeni bwa bapetero 2(Buyoya na Nkurunziza) busambukiye bakahukana,umwe wese akibako,Mporona(umuryango Buyoya akomokamwo) ugatangura gucanishwamwo na Cndd-Fdd(umuryango wa Pita),ntivyoroshe kuko n’ubu bagihigura nka ya nkoko n’akagomba.

*NKURUNZIZA YOBA ATWARA MPORONA NA CNDD-FDD?

Buyoya-vs-nkurunziza

-Nkurunziza abicishije kuri Eduwardo Nduwimana,yoba yariyeguriye umugambwe Mporona,kuko yashoboye kuyironkamwo abayoboke baserukiwe na Conciliya Niragira.
-Akahagira umuhungu yamubereye ijisho ryama hafi ya Conciliya(Gaston Sindimwo) kugira uyo mupfasoni ntadohoke kw’ibanga ryo kugurisha umuryango.
-Ivyo vyose bikaba ari agahembo Nkurunziza ashikanira Buyoya kuva aho bahukaniye,nk’inyiturano yaho nawe yamutaye mu manga na Cndd-Fdd yiwe.

**NKURUNZIZA NGO AZOHEMUKA BUYOYA ARANDURANYWE N’IMIZI

-Unyuma yo kumutuza,akamusamburirako n’umuryango wiwe(Mporona),Pita ntiyahagarariye aho,kuko n’iyo Buyoya yagiye guhigira uburamuko(Mu nzego zo kurongora ishirahamwe ry’Afrika ry’abakoresha ururimi rw’igifaransa Francophonie) yoba yamusanzeyo.

-Inyuma yaho Buyoya azungurutse Nkurunziza,aho gutwara umukono wiwe ku mpapuro yarakeneye za rirya shirahamwe agatwara uwa Busokoza,Nkurunziza ati:”Nawe ivyo bikaratasi uzopfa uvyembembana mu ntoke”,niko bihava bigenda.

-Nkurunziza ashobora kuba yatonetse igikomere gikomeye kitarakira Buyoya agendana(Idosiye ya muganga Kassy Manlan),iyo dosiye baribumvikanye ko ayimufutira nawe akamufasha manda ya 3,none yagarutse gushasha,niyo iriko irakoreshwa kugira Buyoya ntashikire ayo mabanga y’iryo shirahamwe rya Francophonie muri Afrika.

***UWUGUHENEYE NTUMUHENERE AKWITA………

-Uko bivugwa n’abatari bake,ngo Nkurunziza yarenze akarimbi mu gukora mu kanwa k’ingona idasanzwe(Gustave=Buyoya) abonye ko isinziriye naho iri maso.Ishobora gufatanya amenyo ibintu bigakomera.

-Mu mateka y’Uburundi,abatari bake barazi Buyoya uwariwe n’ico yakoreye Uburundi,bakaba bibaza ibibazo bati:
1-Buyoya yoba yaroroshe gushika aho bamukora ku bwanwa ntakakaze?

2-Ubwo Nkurunziza ntiyahenzwe nuko yatashe Buyoya akamuha igihugu vyoroshe n’igihano co gupfa yaciriwe kikabangira,akaba yibaza ko ubumara bw’iyo nzoka bwoba bwarakamye?

3-Ko Buyoya adaheba ikintu mu buzima bwiwe,hoba hari agakemanyi yoba ariko arategurira Nkurunziza mu kugira bave ku bitsindo 2-1 baje kuri 2-2?

****Nkurunziza araba yumva,aze aranywa amazi nk’inyoni(arangamira cnk akebaguzwa),kuko ari mu barundi bahanzwe na vyinshi….

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments