Nyuma yo kwihweza tugasanga ko abantu benshi bubu iyo babonye umuririmvyi ateye imbere muvyo akora ko bahita bibaza yuko ari umu Freemason canke se umu Illuminati, Ikinyamakuru ca mbere cab’abarundi gikorera muri Leta zunze ubumwe za America ” UBM News ” twashimye kurondera umwe mu baririmvyi bafise abakunzi benshi ndetse bakunzwe cane mu gihugu cose cu Burundi ” Sat-B ” tumubaza ico we avuga kuvyerekeye ubu Freemason ndetse ko hoba hariho abamaze kuza kumusaba ko yokwiyunga niryo dini rya illuminati.
Mu kiganiro uno muririmvyi yaduhaye hano kuri UBM News, we yatubwiye ko ata Freemason akoresha kugira akundwe n’abantu ndetse ntavyinshi cane yashimye kubivugaho ariko ubwiwe yavuze ko uno mwanya azi neza ko Imana ibaho hamwe na satani ahaba kandi ngo ntavyabapfumu ajamwo kuva yagatangura umuziki.
Sat-b yagize ati : ico kibazo ntaco nokivugako cane kur’uno mwanya ariko ico nzi satani arabaho n’IMANA irabaho naho ntarababona igikuru n’ukwizera …! Ko ata mupfumu ndajako kuva ntangura umuziki ntaco abavuga, baravuga tu…
Recent Comments