UBM News ads
Friday, December 1, 2023
No menu items!
UBM News ads

Ukuri kugiye kumenyekana kubikekwa ko bari inyuma yayantambara iheruka kubera mu Burundi

Itangazo ryasohowe n’ibiro vy’umushikirizamanza mukuru wa Republica, rimenyesha ko uwo murwi ufise ikiringo c’ukwezi kugira ube washikirije icegeranyo.

valentine

Valentin Bagorikunda, umushikirizamanza mukuru wa Repubulika y’Uburundi

Uwo murwi kandi ufise n’ububasha bwo kubaza uwo wese ubona ko hari ico azi kugira ukuri kuje ahabona.
Valentin Bagorikunda umushikirizamanza kizigenza wa Republica y’Uburundi amemyesha k’uwo murwi ugizwe n’abashikirizamanza batatu.
Umukuru wawo ni Adolphe Manirirakiza, icariho c’umushikirizamanza kizigenza wa Republica.

Abandi ni Hyacinthe Niyonzima umushikirizamanza mukuru muri sentare nkuru isubiramwo imanza mu gisagara ca Bujumbura, hamwe na Jean Marie Bigirimana umushikirizamanza wa Republicsa mu ntara ya Bubanza.

Valentin Bagorikunda avuga ko bazoba bashinzwe gutohoza kugira haboneke umuco ku vyavuzwe vyose bijanye n’ukutubahiriza agateka ka zina muntu mu ntambara zabereye mu ma komine ya Bukinanyana na Murwi mu ntara ya Cibitoke hagati kuva y’igenekerezo rya 30 ukwezi kwa 12 umwaka uheze gushika ku rya 3 ukwezi kwa mbere uyu mwaka.

Muri iyo ntambara y’iminsi itanu hagati y’igisirikare c’u Burundi n’uwo umurwi w’abitwaje ibirwanisho, abantu 99 nibo bahasize ubuzima.
Muri abo bapfuye harimwo abasirikare babiri n’abasiviri babiri n’abarwanyi 95.
Ico gihe amashirahamwe aharanira agateka kazina muntu yo mu Burundi yagumye asemerera avuga ko igisirikare c’u Burundi hamwe n’igipolisi vyoba vyarishe bamwe muri abo barwanyi, kandi ngo bari bamaze kwishikana.

Ariko mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru inyuma y’izo ndwano, umuvugizi w’igisirikare c’u Burundi Colonel Gaspard Baratuza, yamenyesheje ko ata murwanyi n’umwe yigeze yishikana.

Avuga ko ngo abafashwe bose bariko baragwana, n’abapfuye bapfiriye ku rugamba.
Iishirahamwe riharanira agateka ka zina muntu Human Rights Watch mu cegeranyo ryasohoye ku wa kane , rivuga ko igisirikare c’u Burundi, gifatikanije n’igipolisi n’urwaruka rw’umugambwe uri kubutegetsi CNDD-FDD -Imbonerakure- bishe abarwanyi bashika 47 mu buryo budakurikije amategeko muri iyo ntambara.

Aho ni mugihe Leta zunze Ubumwe za America n’ishirahamwe ry’ibihugu vya Bulaya vyasavye ko hoba matohoza yigenga kuri ubwo bwicanyi.
Gushika ubu ntivyigeze bikenyekana abo bagwanyi umugwi barimwo uwariwo n’aboba ari abategetsi bawo.

SRC : BBC

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments