UBM News ads

Ukuri kudasanzwe kuri Alvera Muhimbare ! Ubu ho bigeze kurundi rwego !

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Burya Abarundi Ubutare twaremwe mwo sibwo bwaremwemwo abandi Bantu! Muti kuberiki?
Abarundi turi Abantu babi cane,dufise ubukozi bw’Ikibi ataho buhuriye nubw’Abandi ninaco gituma mubona n’Igihugu cacu catunaniye gutunganya nk’Ibindi bihugu!! Mbere bikanatuma Isi yose itwanka!!
Nta murundi yipfuriza iciza canke ineza mugenzi we,
Nta murundi anezerererwa mugenzi we ariko atera imbere,twipfuza ko twese twoba ba Ntaho nikora,
Nta murundi vyoroshe kugira ashayure uwundi,…..hageze ku bitwa ABAHUTU hoho ni irenza!!

Namwe muramaze kubibona ko Abarundi boroshe cane kwanka naka bamwankishijwe na nanaka?? Kandi ivyo biri mu Bisata vyose,haba muri Politique,haba mukibano, haba nurudandazwa,haba mumuziki,haba mumashengero,eka mu bisata vyose niko Abarundi tumeze,sinzi uru rwanko iyo twaruvanye!! Biragoye cane kuronka Umurundi afata uwundi mumugongo ngo amuteze Imbere,ahubwo ahengera uriko uraduga akagutera Ibombe igusambura kugira mwese mungane.

Muramaze kubibona ko na Jewe hari benshi bamaze kugerageza kunyankanisha n’Abantu mukuvuga ibi canke biriya ariko Ingene nubatse iri zina ntavyo muzi,ni muteshwe mute!! Mwarabibonye ingene Umunyepolitique Rwasa yankanishijwe n’Abarundi ngo akorana n’abo bita Abakoloni canke ngo Buyoya kandi atarivyo,kugira mumwanke. Mwarabonye ingene Umuririmvyi Drama T yankanishijwe n’Abantu ngo yavuzeko Abandi baririmvyi ngo baranuka,bikarangira umuvuduko yariko ukoroka,none ababikoze bungutse iki ko nabo bagumye hahandi nyene?? Mwarabonye ingene Umuririmvyi Dj Fernando yankanishijwe n’Abantu biciye ku mukecuru araho,Abansi baba baronse aho bamuca,vyarangiye nawe Umurindi ugabanutse ariko kazima Imana imukunda. Raba uyu musi naho batarukiye kuri Alvera Muhimbare ngo yasambanye,Ninde muri mwebwe mumuvuga nabi atari Umusambanyi?? Burya Umusambanyi kenshi amenywa n’Abasambanyi nkawe!!

Barundi ,barundikazi burya mubonye naka ariko aratera Imbere si vyiza ko murondera inzira zose zo kumusubiza Inyuma,kuko nta muntu atera imbere wenyene,ategerezwa guteza imbere n’Abandi Kandi bikarangangira ateje imbere Igihugu cacu!! Mbega abo musubiza Inyuma kandi bariko bagerageza kuduza Ibendera ry’Ico gihugu nibo muba mukomesheje canke namwe muba mwikomesheje?? Burya birabahimbara Igihugu cacu atamusi numwe kironka Umuntu akimenyekanisha nka Francine Niyonsaba?? Nawe nyene ntimwatumye azimangana kubera ubukozi bw’ikibi twonse mumabere y’Abavyeyi?? Kuremera Umuntu ibintu atarivyo kugira umwankabishe n’Abantu muvyungukamwo iki???

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments