Kureka umwana yiga muw’icenda akaja muw’icumi na rimwe afise 35% nta kazoza uba umwipfuriza!CNDD-FDD irakwiye kwiga iki kibazo kirakomeye ku gihugu kuko ataho bitaniye no gutitura indero mu Burundi.
Nico gituma ubu umwana aheza ishure atazi no kwandika ikete ryo gusaba akazi.

Ubushikiranganji bw’indero buherutse gutangaza amanota yafatiweko muri ça kibazo ca leta co mu mwaka w’icenda aho umunyeshure azoba afise 70/200 ni kuvuga ibice 35%azoba yemerewe kwunguruzwa akaja muwa mbere w’amashure nshingiro ariko akiga ataha.
Mu barekuriwe kwiga amashure y’uburaro nayo bazoba bafise amanota angana na 98/100 ni ukuvuga ibice 49%.
Iri fatirwako ry’aya manota ryaratangaje abatari bake haba mu baserukira abandi mu bisata vy’indero aho babona ko indero itera itituka kuko aya manota ari make cane ibituma umwana adatera imbere mu bumenyi.
Kwunguruza umwana afise 35%akaja muw’icumi na rimwe sinibaza ko hari kazoza boba bamwipfuriza atari kumwica mu bwonko kuko aba asohotse ata bumenyi buhagije afise.
Imbere yuko amashuro nshingiro aza,umwana yiga mumwaka w’icumi yemererwa kuja muwa cumi na rimwe afise niburiburi amanota ari hagati ya 40%-50% na 60%-70% kubiga amashure y’uburaro.ariko ubu n’uguhindirayo.
Iyi ngingo rero ikaba yasohotse ibanje kwigwa mu nama nshikiranganji yo kuwa 27 myandagaro 2025.





Recent Comments