Prezida Ndayishimiye ata ishavu kubazungu kuko batwigishije ibintu vyinshi kandi nabi aho umwana yiga ibitazomugirira akamaro,kubwiwe rero uko wiga vyinshi uca uba ikigugu!
Ndayishimiye agira ati:”umuntu afise baccalauréat mu gifransa harya yize iki co muteza imbere?mbwira ubuhinga yize?”.

Prezida Ndayishimiye aranegura uko abana b’uburundi biga ivyirwa aho usanga biga n’ibitazobafasha mu Buzima.
Atanga akarorero aho usanga n’abize ibijanye n’ubutunzi(économie)batazi ubutunzi ico arico.
Agira ati:”mwibaze umuntu umu fonctionnaire ahembwa bakamukata ikori,nyakori rikagaruka muri OBR,OBR nayo ikavuga ngo amahera yinjiye mu gihugu!yinjiye avuye he?”
Arongera ati:” usanga abize ivyo ubutare(géologie)babucako barengana”.
Naho biri uko,Prezida Ndayishimiye ata ishavu kubazungu kuko nibo batwigishije nabi.
Prezida Ndayishimiye akabona ko umuntu yari akwiye gukwirikirana ivyirwa vy’ubuhinga bizomufasha muri kazoza.
Agira ati:”umuntu afise baccalauréat mu gifransa yize ubuhinga ubuhe?”.
Umukuru w’igihugu akavuga ko ariko leta yamaze gushiraho ikigo gikarisha ubwenge kubantu bize batazi ivyo bokora mu ntara ya kera ya karusi.
Ibi akaba yabishikirije muri komine mpanda kuri uyu wa gatandatu igenekerezo rya 11 gitugutu 2025 igihe yariko ashikiriza musitanteri mushasha wa komine mpanda Leopold Ndayisaba.





Recent Comments