Uko impunzi z’Abarundi zibayeho mu Rwanda.

0

Abarundi bahungiye mu gihugu kibanyi cu Rwanda ngo babayeho muburyo bugoye nkuko twashoboye kuyaga nabasanzwe baba mu makambi yimpunzi atandukanye. batubwiyeko imibereho yabo itari myiza nagato, ngo benshi kubera ataburyo bafise bw’amahera kugira bashobore kwiyunganganya  bacuruze utuntu tubayabaye, benshi muribo baja gukora ubuzi butandukanye kugira baronke uko babeshaho imiryango, benshi muribo baratubwiye yuko uronse amafaranga menshi utarenza amahera angana 1000.

1

3

Abana nabo ngo babayeho mubuzima bugoye kuko benshi muribo baramaze noguheba amashure bakavugako ahanini ingorane ziva kubuzima babayeho aho mu makambi.

4

Tubabajije ko boba bafise imigambi yogusubira mu gihugu cabo c’amavuka batumenyesheje yuko uburundi bugitwagwa na Petero NKURUNZIZA atamahoro azokwigera arangwa mu Burundi.

5

6

8

Ahanini batubwiye yuko bahunze  iterabwoba bagirirwa n’imbonerakure zababuza amahoro munyuma haca hiyongeramwo ikibazo ca mandat ya 3.

2

7orgnal

Tworangiza tubamenyesha yuko nkabo twashoboye kuyaga batumenyesheje ko ataciyumviro cogusubira mu gihugu cabo ca mavuko mugihe ngo hagitwara umugambwe uri kubutegetsi ariwe CNDD-FDD.