Uko Agateka ka Zina Muntu kifashe Imyaka Ibiri Kuva Uburundi Bwinjiye Mu Magume

0

Nkuko Umukuru wa CNDIH Jean Baptiste baribonekeza abivuga, “ abantu bashika 720 baramaze gupfa, abarenga 80 barahohoterwa kuva Uburundi bwinjiye mu magume ya politike kuva muri Ndamukiza 2015”. Aravuga kandi ko abantu bari hagati ya 700 na 800 bahagaritswe mu karenganyo mu bice bitandukanye vy’igihugu. “ Bivuye kuba twarahaserutse, bamwe muri bo baramaze kurekurwa”, niko Baribonekeza avuga.

Umukuru wa CNDIH avuga ko uko agateka ka zina muntu kifashe mu Burundi vyatanguye kwunyuka mu ntango za 2015 ariko ko uko ibintu vyifashe vyagiye biraryohorwa buhoro buhoro. “ Twihweje uko agateka ka zina muntu kari kifashe hagati ya 2015 na 2016, tubona ko habaye ihinduka mu 2017”, niko avuga.

Pierre claver Mbonimpa, aburanira agateka k’abafunzwe APRODH avuga ko abantu bashika 2000 bapfuye, abashika 8000 barapfungwa, abandi ibihumbi amajana barahungira mu bihugu bibanyi, abandi bantu amajana barahohoterwa harimwo n’abakenyezi bafashwe ku nguvu imbere y’abana babo, abandi nabo harabura irengero ryabo. “Ibi vyose vyatumwe na Pierre nkurunziza mu guhonyanga Amasezerano y’I arusha hamwe n’ibwirizwa-shingiro”, niko Pierre claver Mbonimpa avuga.

Kuva Muri Ndamukiza 2015, Uburundi bwarinjiye mu magume

Uko ninako Leonce Ngendakumana abona ibintu, Icegera c’Umukuru w’Umugambwe FRODEBU. “ Uguhonyanga Amasezerano ya Arusha hamwe n’Ibwirizwa-shingiro vy’Uburudi vyaratumye abantu benshi bicwa, abandi barahohoterwa, uburundi burafatirwa ibihano bitandukanye, igiturire kiraka indaro mu Burundi, ukunyuruza amatunga ya Leta, hamwe nugutituka kwindero mu mashure”, Niko Ngendakumana avuga.

Ngendakuma avuga ko Uburundi bwinjiye mu bihe bigoye mu vy’ubutunzi kuva 2015 aho Pierre Nkurunziza ahitiyemwo guharanira ikiringo giteye impari kugira atware Uburundi ikindi kiringo. Ngendakumana avuga ko Leta nabo bacuditse bakwiye kuja hamwe nabo batavuga rumwe mu biganiro bidakumira kugira hagarukanwe demokrasi Mu Burundi. “inzira imwe gusa yo kurangiza aya maguma Uburundi burimwo ni ibihganiro bidakumira”, niko Ngendakumana avuga.

Jean De Dieu mutabazi, umukuru w’umugambwe RADEBU, avuga ko Uburundi bwaciye mu maguma mu gihe c’imyaka itatu, ariko ko uko ibintu vyifashe ubu vyagiye biraryohorwa ku musi ku musi. “ Utwigoro twabadashaka amahoro hamwe n’abatavuga rumwe na leta two guhungabanya Uburundi twagiye turayama ku mwaka ku mwaka. Ubu, umutekano muri rusangi wifashe neza”, niko Mutabazi avuga.