Uko Abatavuga Rumwe Na Leta Babona Akamarampaka ka 17 Rusama 2018.

0

Umukuru w’igihugu yaraye amenyesheje ejo ku musi wa mungu ko amatora yo guhakana canke kwemeza ibwirizwa shingiro ko rihinduka azoba ku wa 17 Rusama 2018, ayo benshi babona ko azotuma Petero Nkurunziza asubira kwitoza mu mwaka wa 2020 gushika 2034, inyuma y’aho abo mu mugambwe wiwe bamushiriye hejuru akitwa “imboneza yamaho”.

Urwo rwandiko rwasinyweko n’umukuru w’igihugu rwarakwiragijwe ku mbuga ngurukana bumenyi n’abategetsi batari bake b’Uburundi. Ariko rero abihweza ibintu n’ibindi barabona ko ayo matora ategekanijwe ku wa 17 Rusama 2018 ashobora kuvamwo izindi ntureka nk’izabaye mu mwaka wa 2015.

Abatavuga rumwe na Leta baganiniriye na Associated Press, barerekana amakenga yabo ko ako kamarampaka ari ugushaka kwa Petero Nkurunziza kwigumiza ku butegetsi ubuzima bwiwe bwose.

Uwutavuga rumwe na leta yahoze ari no mugambwe uri ku butegetsi CNDD-FDD, Hussein Radjabu, yamenyesheje ko ‘ayo matora yo kwemeza canke guhakana ko Ibwirizwa shingiro rihinyanyurwa azotuma Abarundi basigara biciyemwo ibice’.

Umugambwe uri ku butegetsi nawo nyene wariciyemwo ibice kuri ico kibazo[co guhinyanyura ibwirizwa-Shingiro], rero biragaragara ko tugiye kubona ayandi maraso aseseka mu Burundi kubera ko abantu biyamiriza ko ibiringo vy’umukuru w’igihugu bazokwicwa”, niko Hussein Radjabu yabwiye itangazamakuru Associated Press(AP).

Vital Nshimirimana, umwe mu baharanira agateka ka zina muntu biyamiriza bivuye inyuma ukwo guhinyanyura ibwirizwa-shingiro yahunze igihugu, yamenyesheje nawe ko bamwe bamwe mu biyamiriza ako kamarampaka ‘bamaze guhagarikwa bagafungwa’.