Jolly Tumuhirwe umuyaya wo murugo aba muri Uganda, kuruyu munsi wa mbere yaciriwe na na sentare umunyororo w’imyaka ine kubera gukubita umwana wa mezi 18 agahakwa ku mwica.
Video yerekana uno mukobwa wimyaka 22 ariko arahohotera uyu mwana, biboneka amusunura yongera amuhonyorako aho ndetse benshi bemeza ko habuze gato uyu mwana ngwapfe bivanye nukuntu yamukubita atanikigongwe amugirira.
UBM News tugiriyeho duhanura abantu bakoresha abakozi bo munzi ko boza barabacunga neza kuko uravye ivyo uno mukobwa yakoreye uno mwana, ntiwokwipfuza kubana umukozi wo munzu.
Recent Comments