Ubwongereza na Amerika Batangaje ko Za Mudasobwa Zitemerewe Mu Ngendo Zimwe Zimwe Z’Indege

0

Ibihugu vy’Ubwongereza na Amerika vyatangaje gutyo kubera iterabwoba ry’umuhari w’iterabwoba Etat Islamique, ko ata vyuma vyo mu buhinga bwa none binini vyemerewe kuja mu ndege ku bafata ingendo bava mu bihugu bimwe bimwe.

Amerika ivuga ko Etat Islamique yagerageje kunyengetereza ibigwanisho biturika mu vyuma vyo mu buhinga bwa none nka za Mudasobwa na tablettes.

Abafata ingendo bava mu bihugu vya Turkiya, Libani, Misri, Jordan, Tunisia na Arabie Saoudite ntibemerewe gufata ingendo bafise za mudasobwa hamwe nibindi vyuma vyo mu buhinga bwa none binini.

Ordinateurs ntizemewe mu ndege kuriryo tegeko ryasohowe na UK na US ku ngendo zimwe zimwe

Bikaba vyitezwe ko kuva ku musi wa gatandatu itariki 25/03/2017 ariho iryo tegeko rizotangura kuja mu ngiro.

Ubwongereza bukavuga ko bwafashe iyo ngingo kugira bukingire abanyagihugu babwo bivanye n’uko “iterabwoba ribandanya ryiyongera”.

Munsi y’iri tegeko rishasha, ama telephones manini manini ( Smartphones) nka za Kindles, Tablettes na za Mudasobwa(Ordinateurs) ntivyemerewe kugenda bifiswe nabashe ingendo baja mu bwongereza bava mwivyo bihugu, ahubwo ko ivyo vyuma vyo mu buhinga bwa None binini binini bizotwagwa mu mu bindi bintu vy’imizigo.