Ubwoba ni bwose mubatozakori. Abotoza amatagisi muri mairie ya Bujumbura basubirijwe n’abachomeri

0

Ivyo nivyavuye mu nama yakoreshejwe n’umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu, umutekano n’iterambere rusangi, Gervais Ndirakobuca, kur’uyu wa mbere. Mu ndwi imwe gusa amafaranga arenga imiliyoni 121 y’amarundi arenga kuyo bahora batoza abahahora, ico gikorwa kikaba cakozwe n’abachomeri bahejeje amashure bazanwe kugira barabe ubudasa.

Umushiliranganji Gervais Ndakugarika yamenyesheje ko ku makomine 10 yonyene yagenduwe mu gihugu hagati, bafashijwe n’abize ibijanye n’ubutunzi, basanze ku mwaka ikigega ca leta gihomba imiriyaridi 40 z’amarundi  igisagara ca #Bujumbura kitarimwo.

Umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu iterambere rusangi n’umutekano aragabisha abanyonora amakori n’amatagisi ko ibisaka binyegezamwo amakori y’igihugu vyahiye.

Ariko besnhi barasaba ko ayo mahera ashitse hejuru ko naho atoca anyuruzwa ko yoja guhemba neza abakozi ba Leta no gusanura inyukwa za leta n’amabarabara.