Vyukuri ni bande bananiza President Ndayishimiye kurangura Ibikorwa vyiwe?
Ibihe Vyose President Ndayishimiye yamana Imyidodombo ko hari Abantu bamugoye cane,bamunaniza Ibikorwa kugira aboneke ko vyamunaniye nabo bashikirwe!

Mukiganiro ca President Ndayishimiye ejo,yarerekanye ko afise agahinda Kenshi,mbere n’Amaganya ko ashobora gupfa na 2027 hataragera,ijambo nkiryo ntimugire ngo rirasanzwe kuko harya yavuze ico azi n’ico abona. None ni bande Ndayishimiye yicura ko bashobora kumwica Umwanya n’Umwanya??
Nukuri muri CNDD-FDD hari ibibazo bikomeye gusa,abatabizi bo bazi ko ari Amahoro,ariko ibibazo biri mu ndongozi za CNDD-FDD birenze ukwemera.
Ukutumvikana hagati yabo, ukunyinyurana, Ugusunikana, ugutana mumitego, nivyo vyuzuye mu ndongozi,kandi Ingozi nkizi ntaho zogeza Igihugu!!
Jewe mwibuke ko nigeze kubabwira mumisi yahera,ko mu Bihugu vyo mukarere hashobora kuba Coup d’Etat canke hakicwa indongozi gusa naririnze kuvuga ahariho,kandi mfise impamvu. Kandi nubu ntabwo ndababwiye ko ari Ndayishimiye,Oya ariko Ndayishimiye nawe murumva ko amaze kuba atizera neza ko 2027 azoba akiriho,hatabaye ah’Imana gusa. Iriya mvugo yakoresheje irakomeye cane. Magufuli agira apfe yatanguye kubivuga nkukwo kwa Ndayishimiye,mengo nugufyina,Abantu bakabifata minenerwe Ariko kubera ko bo baba bazi kandi babona abo banyinyurana nabo,barabivuga munzira zoroheje Abantu bakabifata nkaho ari Ibiganiro bisanzwe!! Munyuma mukaja mwumva ibara ryaguye.
Jewe Ikintu mbona kibangamiye Ndayishimiye si Ikindi,niwe yibangamiye ubwiwe,hama akongera akabangamirwa naya Système yabo yuko Umukuru w’Igihugu atagira Ububasha bwose,ahubwo Ububasha bwa nyuma ari Système y’Umugambwe. Ibwirizwa Shingiro ry’Uburundi riha Ububasha bwose Umukuru w’Igihugu,niwe atwara Ingabo n’Ubutungane,Eka Inzego zose mu Gihugu ziri mubiganza iwe,Ariko kubera ya Système yabo Umugambwe ukomeye gusumba Umukuru w’Igihugu!! Nico gituma hari Ingingo Umukuru w’Igihugu yoshaka gufata ariko Umugambwe ukazanka Kandi bikijana. Hari Umuntu President yoshaka gukura mumabanga,ariko Système ikavyanka,aho urumvako Umukuru w’Igihugu ntaba afise Ububasha bwose!!
Nico gituma mubona President yipfuje Kenshi gusubiriza Prime Niyongabo kurongora Igisirikare ariko bikanka, Yaripfuje gusubiriza Reverien Ndikuriyo Kenshi,ariko vyaramunaniye,hari n’abandi benshi!!!
Namwe muca muvyumva,gukorana n’Umuntu washatse gukura akakunanira,wumva mwokorana neza?? Aba abizi ko adahari kubwawe,akora ivyo ashatse canke atumwa nuwamuhaye Izo nguvu!!! Iyo Ndayishimiye ataba Umunyabwoba,akarya umutima amenyo,akarengera izo systèmes zabo,agafata Ingingo nkuwihevye,akemera Umugambwe avamwo ukamufata ukundi,ariko agakora ico Abarundi bamushakako Apana ico Umugambwe Umushakako, yemwe ndabarahiye ako kaguma kari gutwara ukwezi kumwe gusa kandi abavyuye itwe bagahitamwo guhunga Igihugu,canke bakinjira mu Mpimba. Ariko Umutekano wiwe ubu uba Umeze Neza,agakora yidegemvya!!! Ico Gigugu gikeneye Umutegetsi adafyinata,gikeneye umuntu afata Ingingo akayigumako!!
Ibi vyarashikiye Paul Kagame mu Rwanda,aho aba General n’abandi bose bashaka ko Kagame Agendera mumaboko yabo,ngo nuko bakirwaniye,batangura kuzana Amacakubiri y’abavuye mu Burundi n’abavuye Uganda,Ariko kubera ko Kagame yariye Umutima amenyo arengera ko basangiye Urugamba ahubwo ashira Inyungu z’Igihugu Imbere,yarabasanzaje bose,bamwe barahunga abandi barapfa,abandi bari mumabohero nuyu musi,Ubu murabona ko yidegemvya,aravuga rikijana,Ingingo afashe ntawusubizamwo!!! Abandi bari guturatura za Afrika yepfo,Iburaya,…n’ahandi.
Ndayishimiye ko vyamunaniye kurya umutima amenyo,ngo ashire inyungu z’Igihugu Imbere,yikureko abo bantu,yemwe naho batomutembagaza ubu ariko Mandat ya kabiri bishitse akayitozamwo kandi azotsinda ariko kuyimara ni Igihamana.





Recent Comments