Ubwicanyi buriko buraba bwose buri ku gatwe ka Petero NKURUNZIZA.

0

Inyuma yakamwo ONU iheruka gutera igihugu c’Uburundi ngo kigire amatohoza hanyuma gitange icegeranyo c’abantu bamaze iminsi bicwa ataco bazira, Vital NSHIMIRIMANA we siko abibona kuko avugako ibi biriko biraba ko biri kugatwe ka Petero NKURUNZIZA we ngo nakagwi kiwe baguma bacinyiza abatavuga rumwe, ngo muncamake abaguma bicwa ataco bazira ahanini bahorwa kwanka ikiringo ca 3 ciwe.

110

Vital NSHIMIRIMANA avugako ahubwo ONU ariyo yaritegerezwa gufatira ibihano bikomeye ku Burundi ngo kuko NKURUNZIZA nakagwi kiwe aribo baguma bategura ubu bwicanyi bwagahomera bunwa.

Tumubajije ikibazo kijanye n’umugwi mushasha uherutse gushirwako na  Petero NKURUNZIZA, Vital NSHIMIRIMA yatubwiye yuko atari umugwi waje guhumuriza abarundi ngo ahubwo NKURUNZIZA yashatse gusohora abayoboyeke biwe mukubaronsa akazi kuriwe ngo abona ko ari inkinamico iriko irakinwa na NKURUNZIZA.