Ubuyobozi bw’igisagara ca Bujumbura busaba amashirahamwe kwiyandikisha

0

Ubuyobozi bw’igisagara ca Bujumbura busaba amashirahamwe adaharanira inyungu,amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya politike yo mu gihugu canke yo hanze,hamwe n’amashengero kwiyandikisha mu buyobozi bw’igisagara ca Bujumbura.

Mw’itangazo ryateweko umukono n’umuhanuzi mukuru mu buyobozi bw’igisagara ca Bujumbura Ramadhan Nkurikiye,,ayo mashirahamwe n’amashengero akorera mu gisagara ca Bujumbura afise ikiringo co gushika kw’igenekerezo rya 31 Nzero 2017 kugira abe yahejeje kwiyandikisha.

Mu mashirahamwe akorera mu gisagara ca Bujumbura bavuga ko badatahura igituma basabwe kwiyandikisha mu biro vy’ubuyobozi bw’igisagara ca Bujumbura ,kandi ibisabwa vyose bisanzwe biri mu bushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu.

Bavuga ko naho biri ukwo biteguye gushira mu ngiro ingingo y’ubuyobozi bw’igisagara ca Bujumbura,mu ntumbero yo kwubahiriza amategeko.