Ubuyapani Buramaze Gutangaza Ko Buzotera Koreya Ya Ruguru.

0

Igihugu c’Ubuyapani kiriko kiriyumvira guteza imbere ibigwanisho bikomakomeye kugira vyitegurire gutera ‘ubwa mbere’ igihugu ca koreya ya Ruguru kubera igeragezwa ry’ibigwanisho ruhonyanganda ribandanya,mbere na bimwe bikaba bimaze guterwa mu karere k’ubuyapani, nkuko tubikesha ikinyamakuru Sputnik News.

Hiroshi Imazu yabwiye itororokanirizo ry’amakuru Reuters, Umunyamategeko afasha mu bijanye no kubungabunga umutekano w’umushikiranganji wa mbere w’Ubuyapani Shinzo Abe avuga ko ‘ ubu ari co gihe co kwiha ububasha’.

Abandanya avuga gutya: “sinzi neza ko twokoresha missile ballistike, missile ziterwa hakoreshejwe Ordinateur( Cruise missiles), canke indege y’ingwano itera amabombe F-35, ariko tutirwaniye neza, Koreya ya Ruguru izotubona ko tugoyagoya”.

Leta Zunze Ubumwe za Amerika zikaba ziherutse gushikana uburyo bwo gukorora missile bise THAAD muri Koreya y’Epfo kugira kugira bahangane nako gasomborotso ka Koreya ya Ruguru, kandi Umunyamabanga mukuru wo kwivuna abansi wa Amerika , Rex Tillerson, azoja muri ivyo bihugu mu ndwi iza, aho mbere vyiyumvirwa ko hokoreshwa inguvu za gisirikare kugira bagwanye Koreya ya Ruguru.

Ubwato bw’intambara bw’ubuyapani

Igihugu c’Ubushinwa naco nyene ntigisigara inyuma mu kwiyamiriza Ibikorwa vya Koreya ya Ruguru naho vyamye ari ibihugu somambike kuvy’urudandazwa, ariko Ubushinwa bukaba bwiyamiriza bwivuye inyuma ikoreshwa rya THAAd na Amerika.

Nkuko abahinga bavyihweza, iyo ntambara ari nka hamwe yoba yokwandukira isi yose kuko vyohava biba nka kumwe kw’impande zibiri z’aba Capitalistes n’ Abakominista, aho n’Uburusiya wosanga iyo ntambara buyigizemwo uruhara, maze ugasanga Ibihugu vya Amerika, Koreya y’Epfo n’Ubuyapana hamwe nibindi bihugu vyo mu buraya vyo mu Burengero( L’Occident) vyisanze biriko bigwana n’ibihugu vy’ubushinwa, Koreya ya Ruguru, Uburusiya hamwe n’ibindi bihugu kera wasanga biri ku ruhande rwabakominista.

Nkuko bibandanya vyihweza, iyo ntambara yoba ariyo ibigwanisho ruhonyanganda gusa. N’ingwano benshi bibaza ko izoca iba Intambara ya Gatatu y’Isi Yose. N’inkuru tuzobandanya dutohoza kugira tumenye uko kahise kizi kazoza karahindagurika.