UBM News ads
Tuesday, December 5, 2023
No menu items!
UBM News ads

Ubutunzi bw’uburundi buguma busubira Inyuma, atagikozwe ngo abarundi bazoguma m’ubukene

Ubutunzi bw’Uburundi ngo buracari inyuma cane ugereranije n’ibindi bihugu vyo musi ya SAHARA. Faustin NDIKUMANA arongoye ishirahamwe rihamagarira Abarundi guhindura ingendo PARCEM afatira kuvyegeranyo biherutse gushirwa ahabona n’ibanki y’isi yose hamwe n’ikigega c’isi yose.

faustin

Ivyo vyegeranyo vyerekana ko umwimbu k’Umurundi « PIB/Hab » uharugwa musi y’amadolari 300 ku mwaka. Mugihe ibihugu bibanyi vy’Urwanda, Tanzaniya, Ubuganda n’ibindi birenza kure umwimbu w’amadolari 650 k’umuntu kumwaka.

Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru kuri uyu wa 2, Faustin NDIKUMANA asaba abategetsi b’Uburundi kwisunga bimwe biboneka umugambi wo kugwanya ubukene CSLP kugira Uburundi butore akoyoko.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments