Ubutungane bwavuze aho umwami MWAMBUTSA umuvyeyi wa RWAGASORE agiye gushingurwa

0

Sentare nkuru yo mu gihugu c’Ubuswise yafashe ingingo itegeka ko ibisigarira vy’umwami Mwambutsa wa kane vyogumizwa mu Buswise, bigashingurwa mw’itingo ry’abapfuye ry’i Meyrin, muri ico gihugu, nk’uko yari yaravyisabiye imbere y’uko yitaba Imana mu rwandiko yasize yanditse (Testament).

Umwami Mwambutsa wa kane yari yanditse ko atipfuza gushingurwa mu Burundi, ahagandaguriwe abahungu biwe babiri aribo umuganwa Rudoviko Rwagasore hamwe n’umwami Ndizeye Karori.

Reta y’Uburundi hamwe na bamwe mu muryango w’umwami Mwambutsa wa kane BANGIRICENGE barushijwe mu rubanza rwabahuza n’umuryango w’uwo mwami, ku bijanye n’ugutahukana ibisigarira vy’uwo mwami yashinguwe mu gihugu c’Ubuswise.

Urwo rubanza rwatanguye kuwa 15 Rusama 2012, aho mukumva ko rwagira rukwize imyake itanu ruhuza y’Uburundi hamwe n’umuryango w’umwami Mwambutsa wa kane BANGIRICENGE utari ushigikiye ko ibisigarira vy’uwo mwami bitahukanwa guhambwa mu Burundi.

Umwami Mwambutsa wa 4 BANGIRICENGE yari umuhungu w’Umwami Mutaga wa 4 MBIKIJE n’umwamikazi NGEZAHAGO. Yitavye Imana kw’igenekerezo rya 26 Ndamukiza 1977 mu gihugu c’Ubuswise, akaba ari naho yashinguwe nk’uko yari yavyisabiye imbere y’uko asandaba.

Abategetsi b’Uburundi bari basavye igihugu c’ubu Suisse kugira kibahe uruhusha rwo guhamburura ibisigarira vy’Umwami Mwabutsa yafubwe muri ico gihugu, umwe mu bishwa bw’umwami Mwambutsa, Esther Kamatari, we akaba yari yavyiyamirije, ndetse aranitwara mu butungane. Ku bw’uwo mwishwa, mw’iragi ry’uwo mwami, yari yarasavye ko yohambwa mu gihugu c’ubu Suisse aho yari asanzwe aba.

Ku rundi ruhande rw’abariko basaba ko uwo mwami yotahukanwa, hari umukobwa w’umwami Mwambutsa Rosa Paula Irigabiza hamwe na Collette Berete Uwimana, babandanije basaba ko ibisigarira vy’umuvyeyi wabo vyotahukanwa mu Burundi. Ku bwabo umwami Mwambutsa ni uw’Uburundi, ntakwiye rero kuguma ahambwe mu gihugu kindi.

Inyumya y’imyaka ine ibisigarira vy’Umwami Mwambutsa bihamburuwe, ubutungane bwo mu gihugu c’ubu Suisse bwafashe ingingo ko yohambwa muri ico gihugu, nk’uko yavyisabiye wenyene imbere y’uko asandaba.

Abari basavye ko uwo Mwami yogumizwa mu Buswise babwiwe rero ko bonyarutsa gusubira gupfubana iteka ivyo bisigarira imbere y’iminsi 30, mw’itongo ry’abapfuye ry’i Meyrin, mu gihugu c’Ubuswise.