Ubutegetsi Bwa Amerika Burizeye ko Buzotsinda ku vyerekeye Abimukira.

0

Ubutegetsi bwa Leta Zunze Ubumwe za Ameika burizeye ko buzotahukana intsinzi ku ngingo umukuru w’igihugu yafashe yo kwankira abimikira bava mu buhugu bimwe bimwe kwinjira muri Amerika.

Iyo ngingo y’umukuru wigihugu Donald J.Trump ikaba iherutswe kwiyamirizwa n’Umucamanza mukuru wa Leta Zunzaa Amerika.

Sean Spicer, Umuvugizi w’Ubutegetsi bwa Amerika

Ariko rero umuvugize w’ubutegetsi bwa Amerika, Sean Spicer, yabwiye abamenyeshamakuru ejo bundi kuwa mbere ati: “Mu vyukuri itegeko riri kuruhande rw’Umukuru w’igihugu. Umukuru w’igihugu arafise Ugutahura gukwiye mu gukora ivyungura igihugu kugiravakingire abanyagihugu bacu, kandi turizeye ko tuzotahukana intsinzi”

Ivyo biruko mugihe abari bankiwe kwinjira muri Amerika basubiye kwemererwa kwinjira, mbere nabava mubihugu indwi Trump yari yanse burundu ko havamwo abimukira inyuma yaho Umucamanza mukuru ahakanye iyo ngingo y’Umukuru w’igihugu.