UBM News ads
Saturday, December 2, 2023
No menu items!
UBM News ads

Ubusuma bw’amatora bwatanguye kwibonekeza, Umugambwe wagirizwa ko watanguye kwiba amatora nguyu hano

Amezi 6 yonyene asigaye kugirango u Burundi bwinjire mu matora y’umukuru wigihugu , ubu hariko haratangwa amakarata karangamuntu y’abantu bazoshobora gutora ariko nubwo biruko hariho bamwe mubanyagihugu bavuga ko hariho amakarangamuntu yatanzwe kugira habe ubusuma bw’amatora aho usanga nkumunyagihugu ashobora guhabwa amakarangamuntu arenga abiri.

karangamuntu

Nkuko vyemezwa na Radio RPA ( Ijwi ry’abanyagihugu ) bo bavuga ko hari abanyagihugu bariko barahabwa amakarangamuntu menshi kugirango baze batore incuro nyishi, ibi bikaba vyemezwa kandi n’abanyagihugu bamaze guhabwa izo karangamuntu aho bo bavuga ko babaha amakarangamuntu abiri canke ayarenga kugirango baze batore incuro nyishi aho rero ngo ni mu rwego rwo kubahimiriza gutora umugambwe uri kubutegetsi wa CNDD-FDD

UBM News tubibutse ko uyu munsi abanywanyi b’umugambwe MSD bafashe amakarata karangamuntu yariko yegeranywa mubusuma. Hari mu gatondo ko kuruyu wambere kw’ishure ritoyi ryo mu KINANIRA 3 mu gisagara ca Bujumbura. Umukuru wa APRODH yarahari aranegura ubwo busuma aho Pierre Claver MBONIMPA anasaba ko igikorwa co kwandika abazotora cohagarara kigasubirwamwo.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments