Ubushinwa na Amerika: Kwongereza Amahera Akoreshwa Mu Gisirikare

0

Leta y’Ubushinwa yatangaje ko igiye kwongera ibice indwi kw’ijana ku mahera izokoresha mu gisirikare muri uno mwaka, nk’uko Amerika iheruka kubikora.

Nkuko Cable News Network(CNN) yabitangaje,Igitigiri c’ayo mafaranga kizotangazwa ejo kuwa mungu, igihe inama nshingamateka y’Ubushinwa izoba itanguye icese ibikorwa vy’uno mwaka i Beijing.

Ibi bimenyeshejwe nyuma y’iminsi mike umukuru w’igihugu wa Leta Zunze Ubumwe za Amerika, Donald Trump, ashize ahabona umugambi wo kwongera 10% ku mahera igisirikare ca Amerika gikoresha.

Abasirikare b’Ubushinwa

Umwe mubayobozi b’Ubushinwa yavuze ko igihugu ciwe gikeneye kwongera uburyo bwo gukingira ubwigenge hamwe n’inyungu vyaco.

Ubushinwa bwaravuguruye ku buryo bugezweho igisirikare cabwo muri ino myaka.

Benshi mu babikurikiranira hafi bavuga ko igitigi c’amahera Ubushinwa buzokwongera igisirikare cabwo ashobora kuba ari menshi cane kurusha ayazotangazwa.