Ubushinwa bugiye gutanga itoni 5000 z’umuceri mu gufasha kurwanya inzara

0

Mu ntumber yo gufasha Uburundi kurwanya ubukene bw’ibifungurwa bwibonekeza,igihugu c’Ubushinwa cafashe inging yo kurungika infashany y’umuceri ingana n’amatoni 5000.

Uwuserukira igihugu c’Ubushinwa mu Burundi Zhuo RUISHENG yavuze kuri un wa gatatu igenekerezo rya 1 ruhuhuma umwaka wa 2017,ko igice ca mbere c’infashanyo kingana n’itoni amajana atanu kigiye gushika vuba i Bujumbura.

Uwo aserukira igihugu c’Ubushinwa mu Burundi yavuze kubera ihindagurika ry’ibihe,igihugu c’Ubushinwa kiriko kirafasha mu mugambi wo kurwiza ubwoko bw’umuceri wimbuka cane gusumba uwahahora.

Mwomenya ko haheze iminsi mu ntara zimwe zimwe mu Burundi havugwa inzara,yatumye hari abitavye Imana ,abandi barahunga igihugu bahungira mu bihugu bihana imbibe n’Uburundi.