Ubushikiranganji bw’ubutungane: Abarekuwe bafise ideni bategerezwa kuriha

0

Ubushikiranganji bw’ubutungane bumenyesha ko abarekuwe n’ikigongwe c’umukuru w’igihugu bafise ideni bategerezwa kuriha,bashiriweho urwandiko ruvuga ko uwufise ideni yiyemeje kuriha ideni arekuwe atarariha.

Lea Pascasie NZIGAMASABO arongoye umurwi wiga amadosiye y’abapfungwa amenyesha ko ivyemeza ko abarekuwe biyemeje kuriha amadeni zizotangwa mu parake yose kugira bafashe mu gushira mu ngiro ivyo abarekuwe biyemeje.

Uwo arongoye umurwi ujejwe gukurikirana amadosiye y’abapfungwa amenyesha ko abashikirizamanza ba republika aribo bazobwiriza abafise amadeni canke ibindi bishura kubiriha abo babifitiye.

Mwomenya ko abapfungwa 2264 aribo bamaze kurekurwa kubera ikigongwe c’umukuru w’igihugu, ariko bikaba bitegekanijwe ko abshika 2500 aribo bazorekurwa.